IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Umurwi washizweho wo kuraba ko abapfunzwe amategeko akurikijwe

Umurwi washizweho wo kuraba ko abapfunzwe amategeko akurikijwe

jeudi 15 Rusama 2014

Ubushikiranganji bw’ubutungane bufashanije n’ibiro vy’umuhuza w’abarundi, vyarashizeho umurwi uzokurikiranira hagufi abapfungwa, bapfunzwe hadakurikije amategeko bakarekurwa, ndetse n’abashikanye ica kane bagashobora kwidegemvya.

Uyo murwi rero washizweho, ukaba uzofasha mu kuraba abarekurwa n’ikigongwe c’umukuru w’igihugu ko vyubahirizwa, canke abasanzwe bageze mu zabukuru, abarwaye indwara zidakira, eka ndetse n’abandi baba bamaze gushikana ica kane c’igipfungo cabo, mu gihe baba bigenjeje neza mw’ibohero bagashobora kurekurwa. Uyo murwi rero ukaba wiyemeje gukora ku buryo ubutungane bwubahirizwa kuri bose.

Mukamenya ko amwe mu mashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu n’akabapfunzwe agerageza nayo nyene gutanga intererano ku kuntu abapfungiwe ubusa, abapfunzwe bidakurikije amategeko, abamaze kurenza ikiringo, n’abandi usanga bapfunzwe kubera izindi mvo zidakurikije amategeko uko borekurwa. Ariko rimwe rimwe akamo kabo, kakaba katumvirwa.


Aristide Nizigire

Messages

  • ivyovyose nuguhuma amaso abanyagihugu,wibazako nkanyakubahwa Husein Rajabu,ukuntu abategetsi bos bamutinya nahari atawegera wibaza kobazomurkura? ntamvura idahita.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.