IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Umushikiranganji w’abakozi ba Leta asaba abigisha gusubira ku (...)

Umushikiranganji w’abakozi ba Leta asaba abigisha gusubira ku mirimo

mercredi 22 Rusama 2013

Umushikiranganji w’abakozi ba Leta asaba abahurikiye muri sendika CONAPES bahagaritse akazi kuva kuwa mbere w’iyi ndwi turimwo gusubira ku mirimo.

Umushikiranganji Annonciate Sendazirasa amenyesha ko intambwe ibiganiro bigezeko ishimishije mu ntumbero yo gutorera inyishu ikibazo c’ubusumbasumbane bw’imishahara. Aho hari mu kiganiro yahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru ejo kuwa kabiri igenekerezo rya 21 Rusama 2013.

Abo bahurikiye muri sendika CONAPES bahagaritse akazi inyuma y’aho abahurikiye muri COSYBU bagiriye umwumvikano n’abaserukira Leta ku nteguro nshasha y’imishahara izotangura gushirwa mu ngiro mu ntango z’umwaka w’2014 niyamara kwemezwa n’inama nshikiranganji.

Annonciate Sendazirasa amenyesha ko abo bakozi ba Leta basaba ko uturusho bahawe tutokorwako nk’uko amategeko abitomora, mu gihe abo muri sendika SEEPEBU basaba ubushikiranganji bw’abakozi ba Leta ko uburambe bw’imyaka itandatu bwokwubahirizwa. Muri rusangi, bose basaba ko bofatwa cokimwe n’abandi bakozi ba Leta bo mu bindi bisata.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.