Accueil > Amakuru > Amashuri > Umushikiranganji w’abakozi ba Leta asaba abigisha gusubira ku (...)
Umushikiranganji w’abakozi ba Leta asaba abigisha gusubira ku mirimo
mercredi 22 Rusama 2013
Umushikiranganji w’abakozi ba Leta asaba abahurikiye muri sendika CONAPES bahagaritse akazi kuva kuwa mbere w’iyi ndwi turimwo gusubira ku mirimo.
Umushikiranganji Annonciate Sendazirasa amenyesha ko intambwe ibiganiro bigezeko ishimishije mu ntumbero yo gutorera inyishu ikibazo c’ubusumbasumbane bw’imishahara. Aho hari mu kiganiro yahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru ejo kuwa kabiri igenekerezo rya 21 Rusama 2013.
Abo bahurikiye muri sendika CONAPES bahagaritse akazi inyuma y’aho abahurikiye muri COSYBU bagiriye umwumvikano n’abaserukira Leta ku nteguro nshasha y’imishahara izotangura gushirwa mu ngiro mu ntango z’umwaka w’2014 niyamara kwemezwa n’inama nshikiranganji.
Annonciate Sendazirasa amenyesha ko abo bakozi ba Leta basaba ko uturusho bahawe tutokorwako nk’uko amategeko abitomora, mu gihe abo muri sendika SEEPEBU basaba ubushikiranganji bw’abakozi ba Leta ko uburambe bw’imyaka itandatu bwokwubahirizwa. Muri rusangi, bose basaba ko bofatwa cokimwe n’abandi bakozi ba Leta bo mu bindi bisata.
Floxella Karire