IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubuseruko > Umuyobozi mukuru wa REGIDESO yashinzwe ayandi mabanga

Umuyobozi mukuru wa REGIDESO yashinzwe ayandi mabanga

samedi 21 Ruhuhuma 2015, par Egide N

Umuyobozi mukuru w’ishirahamwe REGIDESO, Libérât Mpfumukeko, yagenwe kuba icegera c’umunyamabanga mukuru w’umuryango w’ibihugu vyo mu karere ka Afrika y’ubuseruko (Secrétaire Général Adjoint de la Communauté des Pays de l’Afrique de l’Est). Kumwe na Audace Ngiye yagenwe kuba umucamanza wo muri uwo muryango (magistrat à la Cours Est Africaine), bompi barahiye kuri uwu wa gatanu imbere y’abakuru b’ibihugu bigize uwo muryango.

Mu nama igira 16 y’abakuru b’ibihugu bihurikiye mu karere ka Afrika y’Ubuseruko yabereye mu gihugu ca Kenya i Nairobi, kuva kuri uwu wa gatanu, abarundi babiri bagenwe mu mabanga muri uwo muryango bararahiye. Abo nabo ni Libérât Mpfumukeko, umuyobozi mukuru wa REGIDESO yahawe kuba icegera c’umunyamabanga mukuru w’umuryango w’ibihugu vyo mu karere ka Afrika y’ubuseruko (Secrétaire Général Adjoint de la Communauté des Pays de l’Afrique de l’Est). Yagiye mu kibanza cahoramwo Jean Claude Nsengiyumva, akaba azotangura ayo mabanga mashasha muri Ndamukiza 2015.

JPEG - 45 ko
Libérât Mpfumukeko yagenwe kuba icegera c’umunyamabanga mukuru w’umuryango w’ibihugu vyo mu karere ka Afrika y’ubuseruko

Uwundi yarahiye imbere y’abakuru b’ibihugu bigize uwo muryango wa Afrika y’ubuseruko, ni Audace Ngiye yagenwe kuba umucamanza wo muri uwo muryango (magistrat à la Cours Est Africaine). Audace Ngiye akaba agiye mu kibanza cahoramwo Jean Bosco Butasi.

JPEG - 57.4 ko
Audace Ngiye yagenwe kuba umucamanza wo muri uwo muryango (magistrat à la Cours Est Africaine)

Muri iyo nama igira 16 y’abakuru b’ibihugu bihurikiye mu karere ka Afrika y’Ubuseruko, n’umunyeshure w’umurundi, Monia Mutoni wo kw’ishure ryitiriwe Mutima Mweranda (Lycée du Saint Esprit), yarahawe agashimwe, kuko ari uwa kane mu banyeshure batanu batsinze mw’ihiganwa ritegurwa n’umuryango wa Afrika y’ubuseruko ku banyeshure bo muri uwo muryango. Monia Mutoni yahawe agashimwe kitiriwe "EAC Secondary Schools Essay"

JPEG - 40.4 ko
Monia Mutoni wo kw’ishure ryitiriwe Mutima Mweranda (Lycée du Saint Esprit), yahawe agashimwe kitiriwe "EAC Secondary Schools Essay"

Egide Nduwimana

Messages

  • Igihe kirageze Ko uwupangapanga abipanga kugira azitire hose hageze icobazwa habazwe abagenywe nuwudashaka Ko ibwirizwa nshingiro rimukorako umukuru wigihugu icoyibagira nikimwe ni vyose mugihugu kuko ibwirizwa rirabimurekurira ashira imbere abo ashaka bagahabwa amabanga kugirango bamworoherwze mumigambi afise ariko ico ibwirizwashingiro ridashobora kumuha ni kimwe umukuru w,igihugu s"IMANA"aho nukuhagabira bantu mwe kuko ashoboye vyose mugihugu ariko hari ivyo adashobora navyo tubirindire vuba buca mubibona

  • Igihe kirageze Ko uwupangapanga abipanga kugira azitire hose hageze icobazwa habazwe abagenywe nuwudashaka Ko ibwirizwa nshingiro rimukorako umukuru wigihugu icoyibagira nikimwe ni vyose mugihugu kuko ibwirizwa rirabimurekurira ashira imbere abo ashaka bagahabwa amabanga kugirango bamworoherwze mumigambi afise ariko ico ibwirizwashingiro ridashobora kumuha ni kimwe umukuru w,igihugu s"IMANA"aho nukuhagabira bantu mwe kuko ashoboye vyose mugihugu ariko hari ivyo adashobora navyo tubirindire vuba buca mubibona

  • Ariko abarundi muzashima iki? mukinyarwanda baca umugani ngo umwana wanzwe niwe ukura, amaso y’ugikere ntabuza abavoma kuvoma, urucira mukaso rugatwara nyoko,agati kateretswe n’Imana ntigahuhwa n’umuyaga. ibyo byose byerekanako ushobora kwanga umuntu ariko akirinzwe n’Imana ntugire icyo umutwara. turabaseka cyane iyo tubonye mutuka,mugatesha agaciro umukuri w’igihugu cyanyu ngo ni democratie, wagira hari ababaha amahera ngo mwirirwe mutangazakuru mumutuka,umwanya muta muwukoresheje mugukora isuku mu bisagara, mukwigisha abanyagihugu ukwitezimbere no kugira isuku,uburundi bwaba nka paradiso. nagira ndababwireko murikugenda musubira inyuma mu majyambere kubera mwebwe ubwanyu,kubera kudashyirahamwe no kudakunda igihugu cyanyu.

  • mukoze mwiheshe iteka bashinga ntahe, no muri UN muzagerayo ibyiza birimbere.

  • Nagire nishure uwo muntu yiyise Burundi Bwiza, ngira n’umunyarwanda kubera yanditse ngo "Muzashima iki " kuko mu Kirundi tuvuga ngo "Muzoshima iki" . Nashaka kugushimira, kuko birumvikana ko uri umukunzi w’uburundi kandi ubushakira ineza. Mugabo ishire mukibanza c’Abarundi babona Président wabo wirigwa arakina umupira, atera amavoka, yinumira atanakimwe avuga , umengo turi munzu itagira Serugo, abona abatuntu bicwa akinumira, un système de corruption irengeye ubwenge, igihugu uwibwe ariwe asigaye yiruka... Abantu babita vyose k’mukuru w’igihugu ! Mon cher ami igihugu ntigishobora gutera imbere si le leadership idatomoye. Harya no mu Rwanda ntimugire ngo mutera imbere ko muri abakozi kurusha abandi, non! N’uko mufise ababaja imbere bakabamurikira , un d’uatres mots un bon leadership. Ici le suppose être le leader , tourne en rond et n’a pas d’idées claires de comment faire advancer le pays. Nawe n’inde ? Le president. None raba ashaka gutwara iyindi myaka itanu ! N’uwo gutukwa ..

  • Abobos muvuga nuko atarimw mur kirya kibanz gusa birazw ntawushimw nabos

  • Wamurundiwe wiyise Serges raba ureke kwerekanako urumuntu utazikubona uwuvukebuye, mbentiwumviseko uwomunyarwanda yanditse mwizina rya Burundi bwiza koyashatse kukubwirako nabo iwabo atarishasha ariko bakomeza kwiyubaha nogukomeza kuja kukivi!?

  • we burundi bwiza,urajya witondera ururimi

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.