IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Umuyobozi wa RPA i Ngozi yitwariwe mu butungane n’imbonerakure

Umuyobozi wa RPA i Ngozi yitwariwe mu butungane n’imbonerakure

lundi 6 Ndamukiza 2015, par IGIHE

Kuri uno wa kabiri , umumenyeshamakuru Yvette Murekansabe azitaba muri sentare kwisigura ku makuru yashikirije ajanye n’ubwicanyi bwoba bugomba gukorerwa abatutsi.

Umumenyeshakuru akongera akaba n’umuyobozi w’iradiyo RPA mu ntara ya Ngozi, umupfasoni Yvette Murekansabe, yahawe umutahe wo kurenguka muri sentare, kuri uno wa kabiri akaba yitwariwe n’umukuru w’imbonerakure (urwaruka rwo mu mugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD) mu ntara ya Ngozi.

Uwo mumenyeshamakuru yagirizwa kuba yashikirije amakuru avuga ko hoba hari inama zakoreshejwe mu ntumbero yo guhonya abatutsi. Umukuru w’urwo rwaruka rw’Imbonerakure mu ntara ya Ngozi, asaba ko Yvette Murekasabe yotanga ivyemeza vy’amakuru yatanze, agatanga abamuhaye ayo makuru hamwe no kuba yararengeye akarimbi umukuru w’Imbonerakure.

Muri UBJ bamenyesha ko bariko barakurikiranira hagufi ivy’uwo mutahe wa Yvette Murekasabe.


Floxella Karire

Messages

  • nibamubaze niyabayarabivuze yerekane ahoyabiku nuwabivuze atahafisenaho ahanwe

  • ntibareke abamesha makuru bakore akazi kabo nayo ivyo bitwaza ntibateswe bate bybyby dd.

  • birababuriy niko bama yvette ntugire ubwoba turi inyuma yaw na bob yararwaniw namakungu yos naw nibihend barabe akavurwa mubanyagihugu ukur kuzama gutsinda uwaray atsinz urupfu ari kumw naw ni muzima aroshoboy vyos komera kumwuga waw ntudebukirw

  • N’utagir’ubwenge afise amaso arabona ko ibirwanisho bicir’umuriro bitangwa mu mbonerakure atar’ivyo kurima no kwimbura; ah’ubwo ko ar’ivyo kwica. Abatutsi basag’igihumbi bamaze guhungira mu gihugu kibanyi c’u Rwanda turemeza ko uyo mugambi ugayitse watewe kandi uri hafi gushirwa mu ngiro. IzoMbonerakure zo; ku bwa zo baratebeje kuvuza ifirimbi ngo zitangire kwikorer’akazi. Yvette ni bamureke. Abanyoye amaraso y’abantu ntibarenza imyaka cumi batagotomeye menshi.

  • Yvette nintwari àla manière de Bob ntakind bifuza atari kumuterubwoba gusa me ubutwari bwiw burarenz

  • nimudutohoreze ahubwo inkoho zaraye ziravuga ko ataruwo mugambi ugayits bashize mungiro.muri commune bugabira intara ya kirundo

  • Iyo si inkuru yo gufyinako. Niba ariyo natange abo bantu n’ivyemezo bakurikiranwe. Ariko ntibace babirenzako uruho rw’amazi birengagiza. Akaba yabeshe naho abikurikiranweko, hamenyekane n’ico bigamije. Ariko ntibamusakiranye ngo ukuri kureke kumenyekana.

  • Ntugire ubwoba na Nelson Mandela yarafunzwe 27ans mugabo yahereje kuba intwari kw’isi.

  • Twosab ubj ko yomufash, nn bagomb bareng kwitegek ryo gukingir uwatanz amakur???

  • Uburo bwinshi ntibugira umusururu. Izo mbonera kure nibazireke dukozanyeko hama zirabeko natwe tutari abana. Ivyo bigwanisho nyene nivyo tuzobahuraguza

  • Iterabwoba ntirizoheravuba,ntamumenyeshamakuru wa RPA azoronka agahengwe kuriyintwaro.nahoyokwinumira bobimuhora.

  • @murerwa
    Izo nkoho nturonderere kure,ni abatutsi murara murazivuza ngo mubeshere la jeunesse hutu ngo ni imbonerakure,ariko murihenda izo montages zakora kera nta nimwe mu mbonerakure muzokorako kuko twarabahinyuye,ako ka journaliste nako karashuhagiza neza n’imvura y’urushana yaradusize umugani wa Inarunyonga n’ubunyegeri,aba journalistes mwese mushaka kwigira ibihangange ariko ivyo vyose bizobaherana!

  • vyukuri abantu mwasama muhoha inkoho nimwicare mwibuke yemwe amaraso yabarundi yasesetse amashamba twaraye tuba muyobo nkifuku ababtu bicwa nkibikoko mukubitize agatima mpembero mwibuke abo banyeporitike Bose barirwa bavuga ayamuhe ko ntanumwe umuririro watse awota baba bakingiwe nabasirikare amajana namajana Abana babo bibereye hanze birateye isoni kubona harabirirwa bategura ubwicanyi NGO naka agatwara umuriro uraka abandi NGO adatwaye umuriro uraka kebuke mwibaze ribiya tusie misiri nibihugu abanyagihugu bihereje amabarabara mpaka baromora abaperezida none uyumusi baricuza kuko agafuni ko guhamba kama gakarihije ndavuga nsimvura

  • vyukuri abantu mwasama muhoha inkoho nimwicare mwibuke yemwe amaraso yabarundi yasesetse amashamba twaraye tuba muyobo nkifuku ababtu bicwa nkibikoko mukubitize agatima mpembero mwibuke abo banyeporitike Bose barirwa bavuga ayamuhe ko ntanumwe umuririro watse awota baba bakingiwe nabasirikare amajana namajana Abana babo bibereye hanze birateye isoni kubona harabirirwa bategura ubwicanyi NGO naka agatwara umuriro uraka abandi NGO adatwaye umuriro uraka kebuke mwibaze ribiya tusie misiri nibihugu abanyagihugu bihereje amabarabara mpaka baromora abaperezida none uyumusi baricuza kuko agafuni ko guhamba kama gakarihije ndavuga nsimvura

  • Komera mwa mbonerakure mwe! Unomusi havurwa inkoho ariko IMIGANO yamaze abasokuru banyu ngo cweee!barabesha tuzobana tu!

  • Mbega murevye abatutsi nigiki bakoreye Imbonerakure cotuma bagiriranira nabibigeziyogayemwe!? Abatutsi bahutu bapfuye bahondsguwe nabatutsi baramaze abatutsi bapfuye bahondaguwe nabahutu baramaze. Ariko rekandabibarize; nimunzanire nuyuhe mututsi ngaha muburundi asumvya imvyugombi Pancrasi Kimpaye? Ekambere nabandibahutu ntiriwe ndavuga? Iconobwira abarundibose bomumokoyose nimukoneze gufatanamunda inkuru zivugako hariho umurwiwabantu bazova mugihugukimwe kibanyi kandibakazoza batumbereye kwica abatutsi bamyerero mwabibanenyeshamakuru hariho abazi iyomipango nicogitima baheza bakaba baravuga ibihushane bakabishira kumbonerakure kugirabizoborohere kucabavuga ngotwaritwabivuze, arikorero harihakantu twibikiye kuko uwuzoza gukorera abatutsi ibibi tuzomwiyama nabatutsi bavyivugire nkuko mubona ubu ibiriko barapangirwa ahohakurya yakanyaru tubibwirwa nabatutsinyene. None icogihugu gishaka guteranya abarundi gifisemwo inyungu nyabaki, icogihugu ahokigezehose bakomeje kukibwirako gitegerezwa gucanga igisirikare nkomu Burundi ivyorero caravyase agaheriheri, kubwivyorero kirashaka kuvurunga ukubananeza kwamoko yomiburundi nyuma yogucanka igisirikare camokoyose noneho aronke uburyo azocatangura kuzaravugango rabamuburundi ivyogucanga igisirikare ntacovyamaze ngonicigituma tutavyerekwa. Arikorero subiyinyuma harimiryango imye yabarundi isaniyamenye koyozohava itangwako igitambo icitangura guhunga ariko ndevye ukwo birimwobarategurwa hariya bagiye bazohagirira ibibazo bikoneyecane gusa ntibizitubuza kubaririra kubera bahenzwe bakemera, bahutu biburundi na batutsi mukomeze gukingiranira maze muzorabe umwasi ukuntu tumukurikirana mpaka nomurutara.

  • Kwitura ubutungane nikintu muhihu gusumbibindivyose ariko amuhane bakurikije amategeko niyabavyukuri yaravuze ibintunkivyo.

  • Ewe senyamwiza ntaco ushigikiye!! inzo mbonerekure ntacozizoshikako ntirumarira Imana.nayo ba sogokuru wanyu uvuga mbona buzuye mu Burundi nibogusa!!

  • Twibukanye ko RPA ari IJWI RY’ABANYAGIHUGU ! Abakunzi b’iyo radiyo yacu twese turashigikiye umumenyeshamakurukazi Yvette MUREKANSABE! Uwo wese yorondera kutwaka uburenganzira bwo kumenyeshwa amakuru ngo nuko atamuryohera nateshwe ate kuko turi mu ntwaro ikomoka ku banyagihugu aribo twebwe nyene. Ntihagire uwihenda ngo turacasubira inyuma! Intwaro z’igikenye twazisezereye ku wa 1 Ruheshi 1993!

  • @Nuwera
    " Ekambere nabandibahutu ntiriwe ndavuga ?"
    "Iconobwira abarundibose bomumokoyose nimukoneze gufatanamunda inkuru zivugako hariho umurwiwabantu bazova mugihugukimwe kibanyi kandibakazoza batumbereye kwica abatutsi..."

    Sha! Urasubira kwiga ingene bandika ikirundi! Verbe, adjectif, sujet, na complément vyose urapoperanya ugafatanya? Erega ivyo wandika gurtyo ntibisomeka!

  • MUREKANSABE YVETTE AGOMBA GUTERAANYA ABARUNDI.....NTANTAMBARA YA MOKO MU BURUNDI YIMIRIJE.
    AHUBWO ARIKO ASHAKA KUVYURA AKAJAGARI UWO MUKOBWA ARIKO TWEBWE ABARUNDI NTANTAMBARA TWIFUZA KWERI.
    GUSA NI ICIYUMVIRO AFISE ARIKO UWO YVETTE NYENE YIFUZA KO INTAMABARA IBA ARIKONTAHO AKOKEZA NTAWUZI UKO VYOGENDA.

    TWBW ABARUNDI TUMWAMIRIYE KURE....NTADUKWEGERE DA!TURAKWIYAMIRIJE.KANDI MU MISI IZA TUZOJA MWIBARABARA TUKWIYAMIRIZE UBANDANIJE.

  • ITERABWOBA RYA YVETTE TURARYIYAMIRIJE!!!!!!!

  • UYO YVETTE NDABONA KO AGOMBA GUTERANYA ABARUNDI. UWO MUKOBWA AVUKA MURI COMMUNE CIBITOKE KURI 7ème AVENUE MURI 1993 TURAZI UKO VYAGENZE KWA HONORABLE NAPTALI BAHANA UMUGONGO NA SE WA YVETTE IVYO BICIYE BITWIBUTSA IVYO YVETTE AVUGA NTABURA AHO YAVYONSE. NAWE NYENE NDAZI ACA AVYUMVA KUKO MURI 93 BARAZI UKO VYAGENZE HARYA MU CIBITOKE. JEWE NDAMUZI BIHAGIJE FAMILLE YABO. AHO RERO IVYO AVUGA VY4AMACAKUBIRI SI IVY4UYU MUSI KURI YVETTE. AHO YABIKUYE ARAHAZI. RERO ICO NI IKINYOMA AHUBWO N’AKUBITWE INTAHE MUGAHANGA.

  • NDASABA UWO YVETTE YITONDE UWO MUKOBWA WA MAMA DIANE. ITONDE NKA MUKUGWAWE DIANE KUKO URYA NI INTORE KUGIRA URABE NAWE KO WOJA KWUBAKA MUGA UDAKOREYE INKONO ISHUSHE ABANDI. NTAMACAKUBIRI Y’AMOKO AZOGARUKA MU GIHUGU C’UBURUNDI KUKO IMANA NI ICABONA. INTAMABARA TWACIYEMWO ABO TWABUZE BARAHAGIJE URAZI AMAGUME KO YATUMAZEKO ABANTU KANDI NAWE URAZI KO NA SO WAWE ATAMURENGANYE. AHUBWO IHANE NKA MUSAZAWE ARIRIMBA KURI ZION TEMPLE KWA GITWAZA. KUGIRA NAWE UZOBONE UBUGINGO BUDASHIRA UREKE GUTERANYA.

  • @ Baobad, verbe, abjectif, subject etc, ivyonzovyubahiriza ejo ariko mesasaage yanje yarenganye, niwabutamenyereye inyandiko zabajanja niwingane.
    Reka ndagusubiririmwo inyandiko zabajanja ndazikumenyereze kuzimenya:

    iconobwirabarundibomumokoyosenimukomezegufatanamundinkuruzivugakoharihumurwiwabantubazovamugihugukimwekibanyikandibakazozabatumbereyekwicabatutsikandabobapangakuzokorerivyabatutsibacunabonabatutsimuntumberoyokuzocabatangazangwabahutubakozejonuside. Baobab irabonye inyandiko zabajaja zikwije amategeko ukozimeze.

  • Ndikuriyo ndabona azi vyishi kuri yvette ariko na mutama Mbonimpa aremezako azi cane umukuru w,igihugu?ubwo uko amuzi ubu niko amubona?yvette nimba wamumenyemwo amacakubiri ubu umenyeko abarundi tutari bake turiko tumubonamwo urumuri kuko no muri c.n.d.d f.d.d harimwo amacakubiri maze yatangujwe na nkurunziza mumajambo yagiye arashkiriza.ariko yvette ndamuremesha areme maze yume kukuri kuk haragoye kuburana n,ukuri uwishmikije ikinyoma.ama radio nk,ayo niyo akenewe anyegurura ibibera murufuri.nsaba abamenyesha makuru mwakino gihe barangwe n,umutima wogukunda igihugu gusumba uwogukunda imiryango kuko n,urugamba rutagiye kworoha ubu arik ruzohera vuba.vivent les medias au burundi!

  • Nashaka gusaba ubwo Ndikuriyo niyaba yumva ahagarike iryo terabwoba. None mukudondagura abo bavukana n’umuvyeyi wa Yvette ushaka kumwereka iki? Ko ukuboko kwawe ataho kudashika? Itonde sha, gabanya amajambo aho kwerekana ko Yvette amakuru yatanze atariyo ahubwo yerekana ko harico wiyotsa.

  • Yvette, komera ukomeze umwuga w’abamenyamakuru, ukomere kw’ibanga. Abo bose bariko bavuga ayamuhe, bime amatwi ubandanye. Mbega ko mbona Victor Burikukiye yavuze ibisa n’ivyo, none muzorengutsa nde ngo agende kubibazwa? Icantanganje n’umuhabara wiwe yari yicaye harya muri tribune afise na fanion y’umugambwe cndd-fdd, nawe akaba ari umututsikazi!!!! ewe "Gisusu"!!! iyo azogwa ntawuzohamenya !!

  • Yvette, komera ukomeze umwuga w’abamenyamakuru, ukomere kw’ibanga. Abo bose bariko bavuga ayamuhe, bime amatwi ubandanye. Mbega ko mbona Victor Burikukiye yavuze ibisa n’ivyo, none muzorengutsa nde ngo agende kubibazwa? Icantanganje n’umuhabara wiwe yari yicaye harya muri tribune afise na fanion y’umugambwe cndd-fdd, nawe akaba ari umututsikazi!!!! ewe "Gisusu"!!! iyo azogwa ntawuzohamenya !!

  • Ntatera bwoba ndamugizeko. Gusa nashatse kumusaba ntahendwe ngo atere icuka kibi mu gihugu agenda abeshera abantu kuko nta macakubiri agifise ikibanza hano mugihugu cacu. Uwo mukobwa nomusaba ko yokwitonda. Jewe ndamuzi twariganye washaka kandi sindamwanka nagato muga nanka ivyo akora kuko amacakubiri aho yatugejeje sinipfuza ko yogaruka mu gihugu cacu. aho yokwitonda. Kandi ikindi naco none ko yatinye kwitaba kugira yerekane ivyo bintu yabonye. Niyitonde ahubwo yigishe amahoro aho kugumura abene gihugu.

  • NDASHIGIKIYE CANE NDIKURIYO KUKO AVUGA UKURI NKUKO URUMVA KO YNENGESEREWE NAKOKO KAMACAKUBIRI AKWIYE RERO KWIHANA KUKO ABANDANIJE IVYO TUZOHAGURUKA TUMWIHANIRE UWO MWANA WABAKOBWA.

  • Uwo kwishure tamwita murekansure

  • Can someone please translate me the article in English or French?

  • ico niyumvira niki soma ZABURI 34:13-14 nu murongo wa 19 aho niho mpagaze

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.