IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Umwaka w’2015 warahungabanije ibikorwa vy’ikigo OBR

Umwaka w’2015 warahungabanije ibikorwa vy’ikigo OBR

mardi 9 Ruhuhuma 2016, par egide

Ikigo OBR (Office Burundais des Recettes) kijejwe kwegeranya amakori ya Reta nticashoboye gushitsa ihangiro cari cihaye mu mwimbu wo mu mwaka w’2015, bikaba vyatumwe n’umutekano muke n’uruhagarara igihugu kirimwo, nk’uko vyasiguwe. Ico kigo kivuga ko cahomvye amafaranga ari hafi y’imiriyaridi 130 z’amafaranga y’amarundi.

Mu kiganiro ikigo OBR cahaye abamenyeshamakuru kuri uwu wa kabiri, bamenyesheje ko ku mafaranga y’amarundi agera ku miriyaridi 720 bari bategekanya kwinjiza mu mwaka w’2015, ayagera ku miriyaridi 590.6 ariyo yashoboye kwinjira mu kigega ca Reta.

JPEG - 56.8 ko
Domitien Ndihokubwayo umuyobozi mukuru w’ikigo OBR

Kubwa Domitien Ndihokubwayo umuyobozi mukuru w’ikigo OBR, ibihe Uburundi buhitiyemwo nivyo ntandaro y’iryo gabanuka ry’amakori n’amatagisi yinjira mu kigega ca Reta.

Désiré Musharitse, umuvugizi w’ubushikiranganji bw’ikigega ca Reta yamenyesheje muri ico kiganiro ko ukwiyongera kw’ubutunzi bw’igihugu (Taux de croissance) bwigeze kugabanuka cane, gushika aho buja munsi y’ubusa kw’ijana, aho hakaba hari gushika muri Nyakanga umwaka w’2015, ariko bakaba bategekanya ko muri uwu mwaka w’2016 ukwo kwiyongera kw’ubutunzi kwoshika ku bice 3.5 kw’ijana.

Muri OBR bamenyesha ko mu kurindira ko ubutunzi bw’igihugu busubira kumera neza mu bisata vyose, babaye baragabanya igitigiri c’amafaranga bazeye kwinjiza muri uwu mwaka. Mu gihe mu mwaka uheze bari bategekanya kuronka imiriyaridi 720 z’amafaranga y’amarundi, muri uwu mwaka biteze imiriyaridi 618 z’amarundi.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.