IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > UNESCO isaba ama Reta kwongereza agashahara k’abigisha

UNESCO isaba ama Reta kwongereza agashahara k’abigisha

lundi 6 Gitugutu 2014

Mw’ishirahamwe UNESCO ryitaho indero n’ubuhinga basaba ama Reta yo kwisi gufata umwigisha neza, no kubaha amasezerano y’akazi hamwe no kubongerereza agashahara, kuko aribo nkingi y’ubumenyi kw’isi.

Mw’itangazo ryasohowe n’iryo shirahamwe kuri uwu w’Imana igenekerezo rya 5 Nyakanga, bavuga ko abigisha aribo nkingi y’ubumenyi kw’isi. Iryo tangazo rivuga ko ubumenyi butangwa n’abigisha ku rwaruka aribwo butuma isi itera imbere. Ariko rero iryo shirahamwe mpuzamakungu rirababazwa n’ingene mu bihugu bitari bike kw’isi indero icumbagira kubera ubukene bw’abigisha ndetse ugasanga bahembwa intica ntikize.

Muri iryo tangazo bavuga ko abigisha bakwiye kunagurwa ubwenge, akazi kagatangwa hisunzwe ubumenyi kandi n’abakenyezi badasizwe inyuma. Mu gihe naho urwaruka ari rwo mutima w’igihugu, bakwiye kwongerezwa ubumenyi bahabwa kugira bikunde baterere isi ishobore gushika kw’ihangiro yihaye.

Ishirahamwe UNESCO rirangiza risaba amakungu n’ama Reta gushigikira abigisha, bakabatera intege na cane cane abakorera mu bihugu harimwo abana benshi batize. UNESCO risaba ko abigisha bohabwa amasezerano meza y’akazi n’agashahara kabo kakaduga. Tubamenyeshe ko ivyo bishikirijwe mu gihe ku genekerezo rya gatanu Gitugutu amakungu yariko ahimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe umwigisha.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.