IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Urubanza rw’abashatse guhirika ubutegetsi rwashizwe mu mwiherero

Urubanza rw’abashatse guhirika ubutegetsi rwashizwe mu mwiherero

vendredi 22 Ndamukiza 2016, par egide

Sentare isubiramwo imanza, igisata c’iyungururizo yasozereye kuri uwu wa kane ukwumviriza abanyororo 28 bapfunzwe bagirizwa ugushaka guhirika ubutegetsi bw’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza. Iyo ntahe yo kuri uwu wa kane yasozerewe nk’uko vyakozwe mu gisata ca mbere, bose uko ari 28 bakaba basabiwe umunyororo w’ubuzima bwabo bwose, hamwe n’imyaka 20 badakora akazi ka Reta.

Umushikirizamanza yaserukiye Reta y’Uburundi muri urwo rubanza mw’iyungururizo, yagumye asigurira abacamanza ko abagirizwa kugerageza gutembagaza ubutegetsi bose bari basangiye umugambi umwe, ko n’igihano bakwiye guhabwa coba kimwe. Umushikirizamanza yasavye kandi ko ivyononekaye kuva kw’igenekerezo rya 26 Ndamukiza 2015 umunsi hatangura imyiyerekano y’ukurwanya ikiringo ca gatatu ca Petero NKURUNZIZA vyoshirwa ku gatwe k’abo bagirizwa ugushaka gutembagaza ubutegetsi, kuko ku bwiwe, uwo mugambi ufitaniye isano n’abari muco yise imigumuko yatanguye kuri iryo genekerezo. Bose hamwe basabiwe gutanga indishi y’amafaranga y’amarundi arenga imiriyaridi zitandatu.

N’aho bose uko ari 28 basabiwe gupfungwa burundu, babiri muribo ntibitavye urwo rubanza rwari mu gisata c’iyungururizo muri sentare ntahinyuzwa.
Mu bitavye nabo, batatu bonyene nibo biyemerera ko bagiye mu mugambi w’ukugerageza guhirika ubutegetsi, ariko bakaba batemera ibindi vyaha vyose begekwako mu vyakozwe kw’igenekerezo rya 13 Rusama 2015 umunsi haba ukwo kugerageza gutembagaza ubutegetsi, hamwe na bukeye kw’igenekerezo rya 14 Rusama 2015. Abandi bose basigara uko 23 ntibemera icaha na kimwe muvyo bagirizwa. Abo bemera ivyo bagirizwa ni Général Cyrille Ndayirukiye ashirwa kw’isonga ry’abateguye uwo mugambi, Général Hermenegilde Nimenya, hamwe na Général Zenon Ndabaneze, ariko bose bagasigura ko ata caha kirimwo, kuko bashaka gukingira ibwirizwa nshingiro hamwe n’amasezerano ya Arusha.

JPEG - 45.1 ko
Général Cyrille Ndayirukiye ashirwa kw’isonga ry’abateguye uwo mugambi

Mu rubanza rwa mbere, imbere y’uko umushikirizamanza wa Reta y’Uburundi yunguruza, bane muri abo banyororo bari baciriwe gupfungwa ubuzima bwose, 21 bacirirwa ibihano biri hagati y’imyaka 15 na 30, indwi nabo bambikwa izera.
Muri bose akaba ata n’umwe yari yahawe ico kindi gihano c’inyongera, c’ukuzomara imyaka 20 atawushobora gukorera Reta.

Urubanza rwashizwe mu mw’iherero, ingingo ya sentare ikazomenyakana mu kiringo kitarenze iminsi 30.


IGIHE

Messages

  • sindumujatùri.Turazanakokagabokiyambikankigikerendakabona

  • Non nukuraba neza abacamanza begwa nurubanza rwaba bicanyi,kuki mubembereza?nizo ntozo zititawaza ahubwo zikuruta!jewe nabonye akanyaro kabo numva biranyase mumutima,nibutse ivyobononye nko:guturira abantu mu mapine,kwiba,gutwika imiduga ,amazu,amamoto,amakinga,nogukuramwo imitima yabantu bakaca baja kuyirya,umva!na shetani ivyo ntavyoyokora murumva ko arihatari ,icobampa?eeeee!

  • Nibihangane ntamvura idahita bazotaha

  • Izontwari zitangiye igihugu muguhagararira amategeko y’igihugu nukwanka kwabanyagihugu bagandagurwa bunyamaswa zitegereza nimubarekure bitahire kuko urwontarubanza rurimwo nimba arukugira Ngo mube murahuma amaso amakungu Ngo bikunde biboneke Ko muburundi hari ubutungane ariko birazwi atabutungane muburundi buhari kuko iyoyaba bwaribuhari mwohere kuri nkurumbi nakarwi kirirwa kamufasha gusasika inganda ntimwohereye kumvuga kuri rwabe arizo mupfunga izonintwari mbere uburundi bwaribukwiye kubamwo abashingantahe nkabo kuko iyohazakuba abashingantahe beshi nkabo abantu twirirwa turapfisha ntabo tuba dupfisha nimubarekure nyabuna bitegure kuja mubiganiro atawe bikumira buca bitangura kuko ijambo ryanyuma nibo turyitezeko ndasubiyemwo nti rekura izontwari kuko ntaco zizira

  • We Kagabo Bawitonda.Aho Uvuga Nkuwuraga

  • Gwasa gitega ndagushigikiy Jew karorero aka kagabo cylire Jew uwokampa nokabyiga ibiti aho katibona karaja ngaho nugo ruzuru mugakatir urwo gupfa iyombwa mubabembereza barimwiki izo nkorabara.

  • Gwasa gitega ndagushigikiy Jew karorero aka kagabo cylire Jew uwokampa nokabyiga ibiti aho katibona karaja ngaho nugo ruzuru mugakatir urwo gupfa iyombwa mubabembereza barimwiki izo nkorabara.

  • abobacamanza nabonyene naba dd kuberiki amasezerano ya arusha atoco bayavugako ivyononekaye navyo bikwiye kujakumutwe wa nkurunziza

  • Abantu Mwandika Ivyo Mwishakiye Ku Rubuga Murakwiye Kwikebuka.

  • MBEGA ABISHE BABABIKIRA KO ATAGIHANO BAHAWE .GUHIRIKA .NUKWICA .ICIZA NUKWICA?????!!! NIMUREKE GUHENGAMA

  • Uwakozicaha nahanw cank ahanugw! ama abandika ivyiyumviro nibarek gutukana gutyozanya

  • Uwakozicaha nahanw cank ahanugw! ama abandika ivyiyumviro nibarek gutukana gutyozanya

  • Umunyororo wo guherayo ni sawa kuko baracumuye cane ku BARUNDI na canecane NYAKUBAHWA wacu Président Petero NKURUNZIZA ahubwo IMANA nimuzigame ATSIMBATARE KU BUTEGETSI.

  • Imana Yomwijuru Niyocabona. Kuki Ukuri Mukurengako Mukuzi. Fata Ibitabo Mwanditsemwo Amategeko Agenga Igihugu C’uburundi Muyasome Hama Muyakurikize. Abantu Bareke Kuzira Ubusa. Nta MUSHINGANTAHE NKA NDADAYE NTA MUGABO NKA GWAGASORE Tuzosubira Kuronka Muriki Gihugu Cacu. Ntamukene Wogukina Politique.

  • General Cyrille Komera Cane Nabo Murikumw.Kand MWihangane Ntamvura Idahita!Ivyo Bizohera MWidegevye Mubandany Muribikoma Ngoma.Imana Irikumwe Namwe.Nzopha Mvugukuri

  • NONE KO MUBAFUNZE MUKAVUGAKO BAZOMARA IMWAKA 20 BADAKORA BAZOHO GUTE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.