IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Urubanza rwa Justin Nyakabeto rwarungitswe muri sentare idasanzwe ya (...)

Urubanza rwa Justin Nyakabeto rwarungitswe muri sentare idasanzwe ya CNTB

mardi 11 Munyonyo 2014

Umushikirizamanza wa Reta yasabwe ko yorungika urubanza rwa Justin Nyakabeto muri sentare idasanzwe ya CNTB, ijejwe ibibazo vy’amatati y’amatongo n’ayandi matungo. Uwuburanira Justin Nyakabeto amenyesha ko ata cizere afise.

Urubanza rwa Justin Nyakabeto rwaraburanishijwe kuri uwu wa mbere muri sentare ica imanza za Reta (Cour administrative). Justin Nyakabeto ni umunyagihugu wo muri komine Ngagara yitwariye Reta y’Uburundi ku ngingo yafashwe n’umurwi CNTB yo kumusohora ku nguvu mu nzu yiwe iri mu NGAGARA muri karitiye ya gatanu.
Muri iyo ntahe, sentare ica imanza za Reta (Cour administrative) yamenyesheje ko ata burenganzira ifise bwo kuburanisha urwo rubanza, kuko ruri mu manza ziburanishirizwa muri sentare idasanzwe ya CNTB ijejwe ibibazo vy’amatongo n’ayandi matungo. Umushikirizamanza wa Reta yaciye asabwa ko yorungika urwo rubanza muri sentare idasanzwe ya CNTB, ikurikirana ibibazo vy’amatongo n’ayandi matungo.

Umushingwamanza Gilbert BIGIRIMANA, aburanira Justin NYAKABETO, amenyesha ko bitumvikana ingene urwo rubanza rworungikwa muri sentare idasanzwe ijejwe ibibazo vy’amatati y’amatongo n’ayandi matungo, kandi Justin Nyakabeto atigeze yitwarira CNTB, ahubwo yitwariye Reta y’Uburundi ku ngingo yafashwe n’umurwi CNTB yo kumusohora ku nguvu mu nzu yiwe iri mu NGAGARA muri karitiye ya gatanu. Umushingwamanza Gilbert BIGIRIMANA akabona ko ari intumbero y’ubutungane yo kwisamaza kuri urwo rubanza, kandi sentare ica imanza za Reta ariyo yari ifise ububasha bwo kuburanisha urwo rubanza.


Egide Nduwimana

Messages

  • Subiza ivyabandi nyakabeto we!ivyari imagera vyarageruye,aho mwanyagiyeabo mwita abamenja ubu vyaraheze!ntamwana nikinono emera murye ivyo mwakoreye nayo ubunebweusezere.zarahinduye imirisho,ntagacinyizo cnk kunyaga bikivugwa.ramba Serapion wewe usubiza ibintu kumurongo.

  • Uwaguhenze ko zahinduye imirisho ninde? Baraguhenze nutama.......

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.