IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Urubanza rwa Nurweze Michel "Rwembe" rwasubiriye gusasa

Urubanza rwa Nurweze Michel "Rwembe" rwasubiriye gusasa

vendredi 14 Ruheshi 2013

Uwahoze ari icegera c’umukuru w’igipolisi mu ntara ya Gitega, Michel Nurweze batazira “Rwembe” yasubiriye kurengutswa mu ntahe y’icese yashashe i Gitega ku ncuro igira kabiri ku rubanza rw’ivyaha yagirizwa vyo kugandagura abanyagihugu hamwe no kubasinzikariza ubuzima.

Nurweze Michel batazira “Rwembe” yagirizwa urupfu rw’umunyagihugu yoba yaragandaguye, umutwe wiwe bawutora ku kazu ka surwumwe, urupfu rwa Philbert Kimararungu, urupfu rwa Juvénal Havyarimana, umunyeshure yanyurujwe aca atorwa ikiziga i Nyabihanga mu ntara ya Mwaro hamwe na Zakariya Ngenzebuhoro avuga ko yasinzikarijwe ubuzima na “Rwembe”. Nurweze Michel batazira “Rwembe” yamirira kure ivyo yagirizwa akamenyesha ko ari irementanya yakorewe.

Amasura yose akaba yari yitavye urwo rubanza, kiretse abapolisi bari gusura urubanza rw’urupfu rwa Léandre Bukuru batinye ku mvo z’umutekano wabo.

Urwo rubanza rwari rwitabwe n’abaharanira agateka ka zina muntu, abanyepolitike n’abahurikiye mu murwi w’igihugu ujejwe ukwubahiriza agateka ka zina muntu rukaba rwaciye rwungururizwa ku genekerezo rya 10 Mukakaro 2013.

JPEG - 2.1 Mo
Nurweze Michel batazira "Rwembe"

Patrick Wasso

Messages

  • hooo ahubwo rwembe kubona agisambinsha sindavyumva uwo yarishe kandi ababa igitega barabizi ukuntu barara badasinziriye nanje narinkiri gitega ndamwibuka ukuntu yaduhohotera igih nari umumotare none ugira koyavuyeho ubu simitede nihamwe nyene muburundi atamategeko yarakwiwe kunyogwa akavaho nabafungwa bahorwa ubusa barafurwa uretse uwo wewe bizwi kandi nareta ibizi .

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.