IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Uruganda rwo kwemeza ibikoresho bisuzuma ukwo abigisha bakora

Uruganda rwo kwemeza ibikoresho bisuzuma ukwo abigisha bakora

vendredi 18 Nzero 2013

Ubusikiranganji bw’amashure y’intango n’ayisumbuye , bw’imyuga no kwigisha abakuze gusoma no kwandika ifadikanije n’ibiro vya UNESCO mu Burundi barateguye kuva kuruyu wa 16 gushika ku wa 17 nzero uruganda rwo kwemeza ibikoresho bisuzuma uko abigisha bakora intumbero y’urwo ruganda ni ugutunganya neza ubugenduzi bw’inyigisho za none.

Mw’ijambo ryo kwugurura urwo ruganda umugenduzi mukuru muri ubwo busikiranganji Corinto Nzohabonayo yarashimye akigoro reta yagize mumwaka w’2012 yo kwongereza ibikoresho vyo mu bugenduzi bw’inyigisho muntumbero yo guteza imbere inyigisho .

Nkuko Umushingantahe nzohabonayo yabivuze ubugenduzi bw’inyigisho bwariyemeje guhindura inyifato mbi ifise akaranga nk’ak’igipolisi mu burezi nko guhana abana no mugukoresha ibibazo bigoye bituma abana batamenya neza bigasubiza inyuma umwimbu munyigisho.

Umushingantahe Nzohabonayo avuga yuko ashimishwa nuko imbere yuko inyigisho z’imyuga zibaho ubugenduzi bw’amashure y’intango n’ay’isumbuye bwateye intambwe ishimishije muguhindura uburyo bugenzura, gushima no gusuzuma uko inyigisho zitangwa, yavuze yuko bigaragara neza ko ubugenduzi bw’ inyigisho z’amashure y’intango bwateye intambwe ishimishije.

Abafasha ivyerekeye indero barashigikiye ukuntu inyigisho zitangwa
Kubwa Nzohabonayo kuva ubu umugenduzi,n’umuyobozi uwujejwe gutunganya ivyirwa bazokorera hamwe muguteza imbere akazi k’umwigisha biciye murubwo buryo bushasha bwo kugendura inyigisho.

Kw’izina ry’uwaserukiye ibiro vya Unesco mu Burundi, Yvonne Matuturu yamenyesheje ko umugambi wo guteza imbere inyigisho washizweho na reta ifadikanije n’abayifasha mugutanga ibikoresho n’uburyo washize imbere ko inyigisho zoba iz’agaciro. Yamenyesheje ko unesco igiye gufasha cane cane mwishirwaho ry’icitegererezo cerekana ingene umwigisha w’akarorero mumashure yo kwimenyererezamwo ameze.


Joel Sengurebe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.