Accueil > Ibidukikije > Uruzi Kajeke rurateye impungenge ikibuga c’indege ca Bujumbura
 Uruzi  Kajeke rurateye  impungenge ikibuga c’indege ca Bujumbura
 Uruzi  Kajeke rurateye  impungenge ikibuga c’indege ca Bujumbura
				
				mercredi 24 Ndamukiza 2013
Haraheze iminsi itari mike abanyamakuru bavuze kubijanye n’uruzi rwa kajeke ,mu mirima be n’amazu y’abanyagihugu ku murwa mukuru wa komine Gihanga mu ntara y Bubanza.
Mu minsi iheze bibaza ko ibintu bigire bije mu ngiro hamaze kuboneka imashini ikoreshwa mu buhinga bwo gukinga imyuzure,ariko imvura yaguye mu ntango z’iyi ndwi ntiyavyoroheje kuko,urwo ruzi nyene rwa Kajeke rwononye ama hegitari ashika 30 y’imirima y’imyumbati gushika ubu ayo ma hegitari akaba yararengewe n’amazi.
Buramatari w’intara ya Bubanza umushingantahe Anselme Nyandwi, asaba Leta y’u Burundi ko yokwongereza ubuhinga bwo gusubiza aho urwo ruzi Kajeke rwahora rucamwo,kuko urwo ruzi rumaze kwonona ibitari bike muri zone ya Buringa ,ngo ata gikozwe kandi mu maguru masha urwo ruzi rushobora kwonona amazu y’ikibuga c’indege ca Bujumbura.
Aristide Nizigire

Messages
28 Ndamukiza 2017, 07:11, par KUBU
ntandegenzogiramw