IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ibidukikije > Uruzi rwa Ntahangwa ruguma rwiyagurira imbibe

Uruzi rwa Ntahangwa ruguma rwiyagurira imbibe

jeudi 10 Mukakaro 2014

Ama quartier amwe amwe yo mu gisagara ca Bujumbura arageramiwe n’inzuzi, aho amazu amwe amwe ari mu kubomoka uruzi rwa Ntahangwa.

Uruzi rwa Ntahangwa rurageramiye quartier ya Mutanga Sud iri muri komine ya Rohero, co kimwe na komine Nyakabiga, aho amazu amwe amwe ageramiwe n’urwo ruzi, ibarabara ryitiriwe uwa 28 Munyonyonyo hamwe n’ishure ritoya rya Mutanga Sud. Urwo ruzi rusanzwe ruca mu makomine atandukanye y’igisagara ca Bujumbura, rukaba ruguma rwiyagurira imbibe, ivyo navyo bigatuma amazu hamwe n’ibindi bica bigira ingorane, na rirya amwe mu mazu uyasanga ku nkombe yarwo.

Bamwe mu banyagihugu baba mu makomine ya Nyakabiga na Rohero baba ku nkengera z’urwo ruzi, bakavuga ko rubageramiye, kandi bateye n’akamo kugira ababishoboye bose bakore ibishoboka babakingire, urwo ruzi rutariha inkumbi.


Aristide Nizigire

Messages

  • ahaaaaa atagikozwe ndabona amazu atorohewe.kandi nukwubahiriza amategeko ya urbanisme.ok

  • Ningorane , birateye ubwwoba , ariko igitangaje n’uko n’ubu hari abagomba kuguma basatira inzuzi kandi babona ingorane zitera. Ico ndabahanuye bagerageze bubahe amategeko nacanecane itegeko ry’amazi ribuza kubaka ku metero 25 . barabe art 5 du code de l’eau.

  • sintahangwagusa namurembwe irajugeramiye mumirimayacu inomurumongsintahangwagusa namurembwe irajugeramiye mumirimayacu inomurumonge

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.