Accueil > Amakuru > Rwanda > Urwanda rugiye kurongora inama nkuru y’umutekano ya ONU muri uku kwezi (...)
 Urwanda rugiye kurongora inama nkuru y’umutekano ya ONU muri uku kwezi kw’indwi
 Urwanda rugiye kurongora inama nkuru y’umutekano ya ONU muri uku kwezi kw’indwi
				
				mercredi 2 Mukakaro 2014
Urwanda nirwo rugiye kurongora inama nkuru y’umutekano mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU muri kuno kwezi kwa Mukakaro.
Igihugu c’Urwanda nico kigiye kurongora inama nkuru y’umutekano y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU muri kuno kwezi kwa Mukakaro kwose. Eugene Richard Gasana aserukira igihugu c’Urwanda mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU niwe agiye kuyirongora akaba yasubiriye Vital Tchourkine aserukira igihugu c’Uburusiya mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU.
 
- Eugene Richard Gasana
Mu bigiye gukorwa muri kuno kwezi n’iyo nama nkuru y’ umutekano, n’uko abantu 15 bagize iyo nama bazohura kugira bahanahane ivyiyumviro (débat public) ku vyerekeye amasezerano y’akarere (partenariats régionaux) yagiye afatwa afitaniye isano n’ibikorwa vy’ishirahamwe mpuzamakungu ONU vyo kugarukana amahoro.
Mu bindi bitegekanywa muri kuno kwezi kwa Mukakaro, ni ikiganiro cama kiba buri igihe uko amezi atatu arangiye cerekeye ibihugu vy’abarabu (moyen orient), aho naho hakazohabwa ijambo na cane cane uwusanzwe arongoye umugambi w’amahoro muri ivyo bihugu vy’abarabu Robert Serry. Ayandi madosiye ajanye n’igihugu ca Libye, Syrie, Soudan hamwe na Sudani y’amajepfo navyo nyene bizokwigwa muri ayo ma nama yo guhanahana ivyiyumviro.
Nk’uko biri mu mategeko agenga ishirahamwe mpuzamakungu ONU, inama y’umutekano ifise igikorwa ca mbere co kubumbatira amahoro n’umutekano kw’isi nzima.
Tubamenyeshe ko iyo nama nkuru y’umutekano igizwe n’abantu 5 bahoraho (permanents) bava mu bihugu vy’Ubushinwa, Reta zunzubumwe za Amerika, Ubufaransa hamwe n’igihugu c’Ubudagi. Iyo nama igizwe kandi n’abandi 10 bo bagenda bahindurwa uko imyaka ibiri iheze. Uburongozi bw’iyo nama nkuru y’umutekano bwama bugenda bukurakuranwa n’ibihugu bisanzwe biri muri iyo nama nkuru y’umutekano, aho buri kwezi bagenda bakurakuranwa bakurikije indome z’amazina y’ibihugu bigize iyo nama mu rurimi rw’icongereza.
Floxella Karire

Messages
2 Mukakaro 2014, 17:22, par mutabazi
Ntibizoroha... ninkaho Boko Haramu yayobora Nigeria. Kuko urwanda ruyoborwa ni intagond wa gusa!!!
3 Mukakaro 2014, 09:41, par Nyavyenda
Reka ivyiyumviro bishaje none wewe ugovye kuvuga iki ku butagondwa bw’abayobozi b’igihugu c’Urwanda? reka tumare ayacu i Rwanda nabo birabaraba.
11 Mukakaro 2014, 20:16, par Ndongozi
Oyeeee Rwanda!!!!! tera imbere nk umuzinga abahezanguni b’ubwoko barebera!!!!