IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubuseruko > Urwanda rurahakana ivyagiriji vy’Uburundi mw’itangazo rya CIRGL

Urwanda rurahakana ivyagiriji vy’Uburundi mw’itangazo rya CIRGL

mardi 29 Nyakanga 2015

Ubushikiranganji bw’imigenderanire y’Urwanda n’ibindi bihugu bumenyesha ko bwamaze kwandikira inama y’ibihugu vy’akarere k’ibiyaga binini CIRGL,bwiyamiriza ibiri mw’itangazo ryasohowe n’iryo shirahamwe CIRGL.

Itangazo rya CIRGL ryarimwo ivyashikirijwe mu nama y’abashikiranganji bava mu bihugu bigize CIRGL yabereye i New York ryerekana aingingo yo gushiraho umurwi wo gukora igendereza ku gihugu c’Urwanda kubera ko Uburundi bwagiriza Urwanda guha indaro mbere no gushigikira abatavuga rumwe na Reta y’Uburundi, bahungabanya umutekano w’igihugu.

Itangazo rya CIRGL risaba Urwanda guhagarika vyihutirwa ivyo bikorwa kandi rukemerera umurwi ugiye gushingwa ngo ukore amatohoza kuri ivyo vyagiriji vy’igihugu c’Uburundi ko kuko ruca ukubiri n’amasezerano agenga ibihugu biri mw’ishirahamwe kandi bibangamiye umutekano n’iterambere ry’akarere kose k’ibiyaga binini.

Naho ibiri muri iryo tangazo bisa nk’aho vyamaze kwemerwa n’ibihugu vyose,igihugu c’Urwanda kivuga ko atari ko bimeze, kikagiriza ubunyamabanga bwa CIRGL gukora iciswe amanyanga akomeye mu kumenyesha iyo ngigno.

Mu kiganiro yahaye KFM Ambas Olivier Nduhungirehe akorera mu bushikiranganji bw’imigenderanire y’Urwanda n’ibindi bihugu yemeye ko ikibazo c’Uburundi caganiriwe mu nama yabereye i New York ndetse Urwanda rukisigura ku vyo cagirijwe n’igihugu c’Uburundi.

Avuga ko mu gihe hari hakirindiriwe ko banonosora ivyaganiriwe, ubunyamabanga bwa CIRGL bwihutiye gusohora itangazo risaba Urwanda kwemera umurwi wokora amatohoza kandi ivyo Urwanda rudashobora kuvyemera.

Yavuze ati’’ Inama yarabaye n’ibiganiro biraba dutanga ivyiyumviro vyacu nabo batanga ivyiyumviro vyabo,ariko ikibazo kihari ni uko CIRGL yagiye gukora icegeranyo itabonanye n’abagize iyo nama. Nta ngingo yigeze ifatwa na gato, ririya tangazo kuri twebwe nta kamaro rifise .’’

Yabandanije asigura ko Urwanda rutokwemera ibiri muri iryo tangazo kuko vyotuma ruboneka nkaho ari rwo ntandaro nyamukuru y’ibibazo vy’Uburundi kandi atari ko bimeze, akavuga ko inyishu zikwiye kurondererwa ahandi.

Ati “Ni ikibazo ca politike kiri hejuru y’abarundi, bategerezwa kugitorera inyishu hagati yabo. Kugirango abarundi baze mu nama ya CIRGL bareke kuvuga ku kibazo cabo bagatangura kukigira mpuzamakungu bagiriza ibindi bihugu, ni uburyo atari bwo bwo gutorera inyishu ikibazo.’’

Ubushikiranganji bw’imigenderanire y’Urwanda n’ibindi bihugu bumenyesha ko bwandikiye CIRDL bwitandukanya n’ibiri muri iryo tangazo ndetse busaba ko hakosorwa amakosa, buvuga ko yakozwe mu gutangaza ibiri muri iryo tangazo.


Van Naris Mugisha

Messages

  • mu Rwanda barazi diplomacie cane uwo murwi atawo bashobora kwemera kuko baba biyagirije icaha, nkakurya mwabigira mwemera umurwi wogutohoza niba muburundi hari FDRL. abanyarwanda barazi ubwenge cane, muzabaze impamvu muminsi iheze aribwo bagena ambassadeur muri angola kandi ntawahorayo,kuko arico gihugu gitwara iryoshirahamwe none,hari gagunda bamuhaye agomba gufasha igihugu ciwe, apana abarundi mudakunda igihugu canyu,mukirirwa murisenyerako nkimpene ngo n’ibiringo vya 3, kandi nyuma ya 5ans ubuzima bubandanya.

  • nibaze tubereke abanyagwanda baba porisitumanze gufata nabanti nibigwanisho bivamugwanda

  • burya Imana izoteba yerekane ukuri,none bamwe bafatwa i kabarore ko bivugiye kw’ivyagisirikare bavyigiye mu rwanda ntibababeshuze ubu bivuzwe n’amakungu niho bihuse kubibeshuza

  • burya Imana izoteba yerekane ukuri,none bamwe bafatwa i kabarore ko bivugiye kw’ivyagisirikare bavyigiye mu rwanda ntibababeshuze ubu bivuzwe n’amakungu niho bihuse kubibeshuza

  • wewe wiyise#karebu#urikintazi.uvugango urwanda ruzi diplomacie! mbeharya wamugani ngo iyobumenya umwe bwarikindi bawuciye batazi icusigura?urwanda ivyarwo birazwi kuruhara rufise kubibera mu burundi,kandi nibimenyetso simusiga vyarabonetse.mugabo ntacobazoshikako kuko abobatera nabo babuze amayira.ikindi uburundi si congo kandi barabizi

  • nivyo simbeshere urwanda nirwo ruteza intambara mukarere ko uwo mu ambasadeur avuko atari urwanda ivyo bise operation merchior ndadaye vyo arabihakana kovyabereye murwanda kagame be nitwazagabo ziwe inama bakoze ubuhaheze umwaka umwe gusa . uwo murwi ntu tinye kuvuga ukuri noneho birazwi ko urwanda ari ntambamyi mubihugu vyakarere abagumuye igihugu bose barimurwanda kuberiki bwabahayindaro atatso bubiziko ivyo vyose biri muriryo tagazo nukuri

  • AHUBWO SINUMVA IMPAMVU URWANDA RUTABIKORA . NJYE NUMVA URWANDA RWAKAGOBYE KUBIKRA NDESTE KUMUGARAGARO ABAVUGA BAKAVUGA. . ABARUNDI BAFITE INTERAHAMWE NTAWUTABIZI KUKI UBANYARWANDA BAKWICARA NKABAREBA SINEMA . KUBWANJYE NSANGA TWAKAGOBYE KUBA TUBIKORA.

  • ariko abarundi murasetsa igihugu cyanyu.kirabananiye kukiyobora.none murabeshera.urwaNDA tuzakomeza guterimbere mukomEze muvuge amahomvo

  • ariko abarundi murasetsa igihugu cyanyu.kirabananiye kukiyobora.none murabeshera.urwaNDA tuzakomeza guterimbere mukomEze muvuge amahomvo

  • wewe uvuga karebu nne ko wibagiye tanzania misiyotse bavugako imisore ko yahereyeho ukaguma ku rwanda gusa.ahubwo wewe nyamba utaba mu burundi.sha bongo nukoreshe amasoyawe ahagera wiweze neza congo urwanda tanzania uganda nabarundi gusa buzuyeyo gutu rwanda gusa go nyene?

  • nu mwana akivuka ntayobeweko u rwanda ariyo ntandaro yamabi yose akorerwa mu burundi arikonibazako atakwigira umunyabwenge gusumba abandi kuko twese turi abanyafrika, ntamashure abanyarwanda bize abarundi batize kandi bibagirako atabibera mu rwanda ngo biyoberane i burundi kuko turazinanye. bobo birukanye abahutu babashirakure bibazango nihobatoye umuti babona biteye ibibazo none bagomba kwigira ibihangange no muburundi ngo barashobora kwomora abahutu, ariko abatutsi barabonyeko igihugu gitegerezwa kubamwo ubwoko bwose kugira gikomere nivyo rero abanyarwanda babesha abatutsi ngo barakomeye bazobagwanira nakagayo kenshi kenshi ngo umugwi wabatutsi uri muburundi ntaco umaze naho wopfa abatutsi nyabo bariho mu rwanda bo kubasubirira ukamenga bobo sabantu bakeneye kubaho bakazirako ataburyo bafise bwoguhungira mumahanga, abobatutsi rero sabandi nabanyarwanda bashaka kuza kutambira kumivyimba nkuko babikoze iwabo ( ni inyamaswa kabisa)

  • Itohoza niritangurire mu Burundi, aho abarundi bose berekanye aho bahagaze ku kiringo ca gatatu cumukuru w’Igihugu oya umukuru wa CNDD FDD, bose baricwa, abandi bari mu mabohero, imibyimba iratoragugwa hirya no hino, nubunyene baracapfa, uwo mugwi nuze uhere ngaha mu Burundi aho kubironderera aho bitari, abanyagwanda nibo bishe, Bikomagu, ntahobari john, Nicirondeye Bucumi, Ngirente na magoyagi? Nibo bakwirakwije ibigwanisho, munyuma ngo nibabizane ntaco muzobatwara? Ingorane z’uburundi zizohezwa n’abarundi ubwabo, ninaho bikwiriye kuronderwa nakare barayamaze ngo; Umupira urengurigwa aho warengeye, none barawurengurira mu gwanda wararengeye mu burundi?

  • None nimba ataco Urwanda rwiyagiriza, ni kuki banka ko iyo commission ijayo kwigirira amatohoza? Noneho biribonekeza n’aho botokwirirwa baragira ayandi matohoza. None abamaze gufatwa bose ntibavuga ko bagiriye imyimenyerezo ya gisirikare mu Rwanda? Vyongeye, ntihamaze gufatwa na bamwe mu nzego zijejwe umutekano zo mu Rwanda? Abanyepolitike bariko barasambura igihugu ntibibereye mu Rwanda?

    Abasirikare n’abapolisi bakuru bagomvye gusubiza igihugu mw’ihumbi, ntibibereye mu Rwanda? Abamenyeshamakuru bacanye umuriro w’urwanko rwo kwica imbonerakure n’abashigikiye Petero NKURUNZIZA, ntibiraramiye mu Rwanda mbere bakabandaniriza ubwo bubisha aho nyene mu Rwanda? None ayo matohoza n’ayiki?

    Ariko n’abayasaba si abana bashaka gusa ntihazogire abavuga ngo basohoye amatangazo batagize amatohoza nayo ubundi bwo nabonyene barazi ko Ari Urwanda ruriko ruratobanga Uburundi. Ariko igihe Uburundi bwosubiriza Urwanda mu ndumane, ntiruzoboroge nk’uko rukunda kuvuza induru.
    Ngo Leta y’Uburundi ni itorere umuti w’ibibazo mu biganiro hagati yayo n’abayirwanya!! None ko GIKWETE yahanuye KAGAME kuganira na FDLR kugirango ingorane zihere, we yoba agejeje he ivyo biganiro? Ubwirasi butera uruhumo ku bwonko.

  • Uku Abarundi batamenya isoko y’ibibazo bihabera ni cyo gituma batabona umuti wabyo vuba na bwangu. Nimumenya iyo soko, muzayiziba. Mureke kugira u Rwanda urwitwazo kandi ari abavandimwe banyu. Mureke kuyobya amarari, mushakira umuti aho utari, igisebe kitababana umuvogo.

  • abarundi bama barondera boucs emissaires. ganire ibibazo vyanyu niho muzokira irwara murwaye

  • Urwanda ntiruharire kuko turetse ivyotubitse tumazeguhabwa nabarundi nabanyarwanda bafashijwe nu Rwanda kugira bakore amabimu Burundi, nabarundi barihanze basanzwe bakora amabi ngaha Burundi basanzwe barihanze baravyivugirako Kagame bamushimira kukuntu yagiye abafasha guteza akavuyo mu Burundi, baranakomeza bavugako nomumisi iza Aho Kagame azogira mugihugu cu Buholande kobazogenda kumushimira. Ushakakwibonera ibimvuze genda kukinyamakuru Igihe.com urazanokubona ya radio ikoreshwa nababandi bashaka guterakudeta nabamwe bahimiriza abantu guturira abantubabona.

  • ahubwo urwanda rwakagobye kuba rubikora . kuko birakwiye . none bo izo nterahamwe ko alizo zisigaye ziyobora uburundi kubeliki urwanda rwo rwarebera nkaho ali sinema balikureba . ahubwo nibatisubiraho bazabibona ureke ibyo bilirwa baboroga. ibyo bigoryi.

  • ariko abarundi mufite ibibazo bihambaye koko!!
    mwashyize hamwe mugakemura ibibazo byanyu mukareka kwikoma u Rwanda??

  • Abarundi mugifite gutekereza ko ukugumuka namabi abera i Burundi byatewe n’Urwanda nukuri mufite ubwenge buke cyaneeeee. Impamvu mvugako atari Urwanda nuko mbere ya 3eme mandat ntamabi no kugumuka byabaye mu Burundi. Ahubwo umuntu wazanye 3eme mandat niwe kibazo cyabarundi. Jyewe mbona mushakira inyishyu ahatariho, mubanze mumenye ikibazo mufite nicyateye ikibazo mubone gushaka inyishyu. Mureke ubugugu.

  • ariko mwabarundimwe mwaciye akenge mukareka gusaza mwanduranya???
    ubu koko urwanda nirwo rwatumye igihugu cyanyu kimera nk’amatongo??
    njyewe narageze bujumbura ndeba ukuntu umujyi wanyu ar’umusaka ndumirwa!!
    mwarangiza NGO u Rwanda u Rwanda u Rwanda.....,

  • Urwanda ikebuke murekezaho canke mubandanye, ndababwirako ivyomukoreye u Burundi nibihugubike bikuzegukorera ibi hugu bibanyi nkukwo murikomurakorera igihugu kibanyi canyu, kukwaho ntimurimwo murakoreraneza abenebihugu vyompi mukomeje namahano kubihuguvyompi mbere ataribwigere abaho mwivyobihugu vyompi, ariko uwuzosumvuyumdi kugira ibihugu bibanyi bimubahafi azogurikigayemwe?.

  • none u Rwanda nirwo rwazanye 3eme mandat?
    none urwanda nirwo rwishe feruzi, adolphe, bikomagu? etc....
    nirwo rwafunze ama radio provee??? etc....

  • Icishe abanyarwanda kandi camaze kuba nkuburozi mumutwe wabo candi ari naco kizotuma nigihugu cabo nabo kitaronka amahoro nukwo kuntu aho babonye umuhutu wese bamwita interahamwe. kubona rero igihugu c’uburundi kirimwo abahutu kandi bakaba uyu munsi umukuru w’igihugu ari umuhutu nukwo rero bavugako igihugu cuzuye interahamwe, ntagiye kure muribukako mbere vyavuzwe nabo banyarwanda nyene mbese bakaba bafise kuri liste abahutu bose bize bazubwenge mbese bari no munzego nacane cane uwahonyoje ikirenge mu rwanda imbere ya 1994 bose ko bambaye ikoti y’interahamwe génocidaires, kugira rero babarungikire imitahe barabonyeko bidashoboka ubu rero baronse umwanya mwiza ngo wokubahonya nama plans menshi menshi, ariko noneko tuziko umugore wa kagame ari umurundi wo mungagara waruwurigera avugako yoba yarakoze amahano muburundi canke hari umunyarwanda baragiriza crise 1993 canke 1972 kobose abo bari kubutegetsi bari biraramiye mu burundi, ntaryamira ko yakorowe nkakayabu hari amaruru turiko tuvuza, nibatuvyonge ivyarivyo vyose amakungu sibijuju ivyabaye barabizi kandi sagaseseshwa rumuri amabi uburundi bumaze kubona kuri kagame ararenze kandi rero bagize akamenyero noneho bariko bagaya n’amakungu ngo ama déclarations yabo ni nul et nul effet

  • urwanda nirwo rwatwitse amasoko?urwanda nirwo rwatwitse abanyamurenge mugatumba?ariko abarundi ntimugira ubwenge kweri ntimuzatera imbere mugifite amacakubiri ubwo muracyashaka ngokwihorera ivyi72 muragowe ntimuzapfa mugeze aho uRwanda rugeze

  • Iyo gouvernement yabicanyi iri mu Burundi nireke kurondera ingorane aho zitari, barazi neza ko ingorane ari Pierre Nkurunziza yagiye guhonyanga amategeko akica nabo yarajejwe gucungera ubuzima. Mbega ko iryo shirahamwe ryagize amatohoza kunkuru zivuga ko mu Bndi hari FDRL baje gukorana n,imbonerakure, kubera iki gushika nuno musi icegeranyo kitarashirwa ahabona? Ahubwo jewe ndabona ko CIRGL ariyo iriko irazana ingorane. Nitugire Amahoro

  • Nibaza ko uwavuze ko umuhinga ahingugwa nuwundi atari imbeshere ;Abanyagwanda ni bitonde kuko ideologie za kagame zirazwi;aho karaciye ingani go bazoshika kuri empire hima!mama we namba bibagira ko imana ibaho ;nta wuhonya ubwoko ngo abishobore kagame nareke ubukare kuko nawe nyene ntazobaho ubudapfa.

  • ababura ivyo bavuga batazi guhitamwo icatsi nururo ni bihorere.ninde ariko atuma abapolice gutoteza abasoda baba Ex_FAB?atuma batoteza abantu birenganira ngo ni abansi bigihugu kandi aricabose?mbe kamenge ntabigwanisho biriyo ko hadasakwa narimwe?yama ari musaga ,nyakabiga mutakura cibitoke nahandi nahandi <<nous devont apprende a vivre ensemble comme des frres sinons nous allons mourir tous ensemble comme des IDIOTS>> SIVYO none bagenzi.

  • @cumacindubaruba, erega nibyo abarundi benshi bakoze genocide 1994, gusa sintekereza ko leta yacu irafata imyanzuro kuricyo kibazo. Naho ibyabanyarwanda babaga muburundi ntamabi bakoze nuwaba yarakoze yayakoze pour se deffendre kuko mwahoraga mutugera imihoro kwijosi mushaka kutwica kuko mwari mufite inyigisho za Habyalimana. Twapfaga gukunda ubutegetsi bwanyu kuko aumoins bwaturindaga imihoro yabahutu, nubwo nabwo butaduhaga chance zimwe mukwiga no mukazi, ariko uzaze mu Rwanda urebe ko utabona akazi tutarebye igihugu uvamo canke urebe mumashule ntavangura ry’igihugu n’ubwoko. Ariko aumoins na leta yitwaga iy’abatutsi i Burundi uzi iyamwenewanyu Habyalimana????? Umututsi yarigaga bamuhagurutsa burimunsi yaheza primaire akoze concour resultant ntisohoke, hariho akarangamuntu k’abahutu, ak’akabatutsi nak’abatwa. Nkoze comparaison aumoins nabatutsi suko ndiwe ariko ibibi birarutana sha murakabya kabisa. Twe rero ubu twariyunze ntabwoko ibyo mwibaza siko bimeze ababivuga nababa hanze bagifite kumva ntamututsi waba President, nacane cane mwebwe abahutu babarundi mukidukengera nkambere ya 1994 tukiri impunzi aho iwanyu, mukwiye kumenya ko Imana yacu idukunda yo yadukuyeho akagaye kanyu. Mwisubireho mwiyunge muvane amoko mu Burundi ikindi kandi musangire ijambo n’ingingo. Umwansi wambere w’Uburundi nab’abarundi.

  • Peter azobaka ibigwanisho ace abiha imbonerakure zitaronse ikigwanisho azoba ariko aregereza kurangura wa mugambi wiwe so kumesa abo bose badahuje ivyiyumviro

  • none muriyemeje gutera umutekano muke muburundi? uwimbira ikinogo mugenziwe azokirwamwo! ntimuzombaze nimwiranye yomuba mwagirwa inama mwokwihanye kuko muriyahura pe.

  • none muriyemeje gutera umutekano muke muburundi? uwimbira ikinogo mugenziwe azokirwamwo! ntimuzombaze nimwiranye yomuba mwagirwa inama mwokwihanye kuko muriyahura pe.

  • Ibiriko bibera mu burundi ntibiri kure y’urwanda.Izo nyenzi nizirindire.

  • Abarundi mwari mukwiye gufungura amaso mukaraba ibibazo bibugarije aho gusimbira ku Rwanda. Peter vyamuyobeye none arashaka gukoresha iturufu y akarere ni ateshwe ate kuko abarundi si abana ivyo bakorerwa birababaje kwicwa urwagashinyaguro, ngivyo ibiziga bitoragurwa buri musi . muri make ibibera iburundi birababa genocide .

  • Abarundi ni ibigoryi , un point c est tout! Uwabahonyora gusa nta kindi.Muradukinisha ntimutuzi mwa bidahwe mwe!

  • Abaraundi batekereza ko ibibazo bafise ari u Rwanda rubitera nababwira ko bibeshya cyane kuko twebwe abanyarwanda bakunda u Rwanda rwacu, nta mwanya twata ku bitadufitiye umumaro. Abategetsi b’U Burundi mukwiye kuvana ubwo buhumyi mu mitwe yanyu kuko bikomeje gutyo ntaho muganisha igihugu ahubwo murarushaho kukijana mu manga. Kuri iyo ngingo uvuze ko Kikwete yahanuye Kagame kuganira na FDLR, kgo ingorane zihere, u Rwanda nturuzigera ruganira n’abicanyi, icyo twakoze twafunguye amarembo, ushaka gutaha arataha, iyo yakoze genocide ashyikirizwa ubutabera bukamukatira urumukwiye. Naho ibijyanye nayo matohoza yanyu, twe nta gaciro twoyaha kko ni ikinamico murimo, kuko mushakira aho ibibazo bitari. Alias

  • Bacumugani ngo uwo binaniye ntabura uwatako ibirake, urwanda nimugende murabe intabwe rugezeko mwiterambere,ikomine yonyene isuvyubwiza igisagara cabujumbura. mugisagara cabujumbura harinaho uca ukifata kumazuru mukunuka. ahogutezimbere ahobabaye batezimbere amacakubiri, nukuri nimutikebuka muzopfa mushihana nki bwa zihuriye kwigufa. urwanda urwanda rwiruka niterambere urwanda rwotera uburundi ngo buharonke iki?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.