IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Rwanda > Urwanda rusanga bibabaje kubona Uburundi butaserukiwe mu nama y’ubumwe bwa (...)

Urwanda rusanga bibabaje kubona Uburundi butaserukiwe mu nama y’ubumwe bwa Afrika

mardi 19 Mukakaro 2016, par Egide NDUWIMANA

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uwu wa kabiri, umushikiranganji ajejwe imigenderanire y’Urwanda n’ayandi makungu, Louise Mushikiwabo, yavuze ko bibabaje kubona Uburundi butitabiriye inama y’abakuru b’ibihugu biri mw’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika. Louise Mushikiwabo yamenyesheje ko iyo nama yari iy’ingirakamaro, ndetse yanafatiwemo ingingo zikomeye.

Louise Mushikiwabo yagize ati : "Birababaje cyane kubona u Burundi butari mu nama. Nta mpamvu tuzi yabiteye, icyo tuzi ni uko mu ntangiriro z’imirimo y’inama ababuhagarariye bari bahari baza kugenda."

JPEG - 35.7 ko
Louise MUSHIKIWABO, umushikiranganji ajejwe imigenderanire y’Urwanda n’ayandi makungu

Umushikiranganji Mushikiwabo yavuze ko mu Burundi habera "ibintu bidasobanutse", ku buryo Urwanda na Afrika muri rusangi bibateye impungenge, ariko kandi akavuga ko ikibabaje ari uko atawushobora kuyobora igihugu c’abandi.

Yagize ati : "Dukomeje gukurikirana ikibazo cy’u Burundi mu muryango wa Afurika y’i Burasirazuba.Turifuriza amahirwe menshi abaturage b’u Burundi."

Tubibutse ko umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu, Alain Aimé NYAMITWE amenyesha ko Reta y’Uburundi yafashe ingingo y’ukutitaba inama igira iya 27 y’abakuru b’ibihugu vyo mw’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika ku mvo z’umutekano w’abategetsi b’Abarundi bari kuja i Kigali, akaba avuga kandi ko kwari kugira Uburundi butange ubutumwa kuri iryo shirahamwe ko igihugu c’Urwanda kibaniye nabi Uburundi.


IGIHE

Messages

  • Ngurwanda nubumwe bw’Adeica bikurikieanira hadi ikibazo cubirundi!?
    Iyuvuze ubumwe bw’Afrka nagiranurwa rubarurimwo? Mushirahejuru mukarenza! Ariko reka mugiyegukoroka bosebareba.

  • Ntibumva babajwe nukubona bari boteguye kubarya inyama hama barikwepera heheheheee.
    Burundi irambire abakwanka bazokwandurako

  • Abitwa ko bategeka Uburundi basa n,abatabona iyo bava,iyo bageze n,iyo baja kuko ntansiguro y,ukuvuga ngo batinyiriye umutekano w,izontumw,ikibazo umuntu aca yibaza,mbe abari bagiye kuyitegura n,abo bari batanze nk,incungu?

  • iyo umuntu yiriza ntawumurijije ageraho akaceceka ntawumuhojeje,
    ibyo mwirirwa muvuga k’u Rwanda bidafit’ingiro muzageraho muceceke,
    uko muri nimwebwe mwitera ibibazo,

    Nkurunziza atinya gusohoka mu gihugu,

    azageza n’igihe azatinya gusohoka munzu yiwe,

    yewe azageza n’igihe azatinya gusohoka mu cyumba,

  • Abarundi mwese murakwiye kwanka iyo muriko murajanwa, siheza nagato. None ko igihugu kiriko kiraja mu manga mubona, muzokigarura caragezeyo canke?

  • Louise rekana nizo ntumva zabarundi twikomereze iterambere mu Rwanda rwacu naho abongabo kuza no kutaza ntacyo byatumarira twebwe nkabanyarwanda nikazikabo naho abavuga bareke bavuge bazaruha kuko nubundi bamaze imyaka 2 bavuga ntacyabujije ko u Rwanda rwakira CHAN tukanakira ninama ya AU urumva ko abamashari bazicwa nishari bado sisi tunasonga mbele hata nywele zote zitoke kichwani hatuwezi kurudinyuma Rwanda oyee oyee oyeeeee.

  • Rwanda Komeza Mudufatira Neza Abo Barundi Bari Ngaho Iwanyu,bibaye Ngombwa Mukre Uk Mushboye Mu Burundi Hatekane

  • ngo u Rwanda rugiye gukoroka! ariko nabwira uyu muntu ko hakoroka uwazamutse...uburundi se bwaba buri ku yihe ntera y’iterambere? murababaje pe! ahubwo aho bukera turaza tubigishe uko mwava mu bwicanyi mukajya mw’iterambere...sisi tunasonga mbele tu. turareba imbere nayo mwe ibirenge birareba inyuma. shame on you

  • ugwanda nimurekane nivyuburundi kuko ntibibaraba . ivyomushaka turabizi izonkotanyizanyu nimbazafashugwanda muburundisikobimeze abagifashe carabavunye musisubutu. twarumviseko abokagame afasha batangarijemubugande bavugako bashaka gusubiza uburundi mumaboko yabatuutsi mazengo bacebahindura ibwirizwashingiro kugirabatware imyakayose nkuko kagame abishaka mugwanda muburundi suko ntavyamoko twe dukorerako arinacocatuma baduhenda ngonimanda 3 wapi. mwebwerero ivyuburundi nimuvyihoze canke mukore ivyomwiyumvira .

  • Nimureke izo njiji zikomeze xilindagire.
    Nibyo nababwiye niba ntabitaro byabasazi bagira bazaze indera tubafashe

  • @Tito hama abo badepite naba general bariko baricwa barazira iki?impunzi zigera kuri 270.000 zabarundi zahunze iki? wibaze wisubize kandi

  • Mbe nikubera iki uburundi mubwiyumvira sana mutaishia kunawa

  • Ugwanda nirureke kwiyumvira uburundi ntaco rugisangiye

  • Jewe nagomba gutakambira urwanda ngwahubwo rugire uruhare muguhagarika gonocide iriko irakorwa muburundi kuko bobo barabizi vyarabaciyeko baraziko bibabaje barazi numubabaro bitera kuba impahazwa mugihugu cawe nabo barabiciyeko barabonyeko bibabaje kandi nabo iyo bataronka ubugande ngo bubafate mumugongo ivyo bashitseko ntibarikubishikako bityo rero nkabonako urwanda rutari rukwiye kwigira ntibindeba ahubwo rwari rukwiye kugira uruhara mugufasha guhagarika amarorerwa akorerwa muburundi ntibatinye ityoterabwoba rya nkurunziza

  • Hari uwo mbonye yanditse ngo mu Burundi ntidukorera ku vy’amoko?? ahubwo nivyo dugengerako gusa mu nzego zose ahubwo ni navyo biriko biraduhekura!

  • Tari,
    Ese Imana yokwumvira iyo genocide mwama murondera , kurya yabereye, igahera mu nzu iwawe ikongera igaherera mu nzu iwawe.

    Isi yarabahinyuye.Nta genocide muzongera gutegura no gushira mu ngiro mu Burundi. Nta wutazi esprit diabolique yanyu yo kumara abantu hanyuma mugakwira isi ngo murahonye. Urwo rudandazwa rwanyu ntirucunguka, Ronderera ahandi, tore uwundi mugambi. Nimba iyindi myaka mwahora muyikoresha bigashoboka aho les bourreaux mwihinduramwo des victimes, ubu ntibigikunda.

  • @ Tito

    Ibyo uvuga ntaho bihuriye n’ ukuri. Ikontanyi zararwanye imyaka ine irashira zirangije zifata igihugu, zikiza abicwagwa. Ntabwo nigeze numva ingabo zanyu uragamba zaba zaratsinze mu Burundi. Naho ibyo murimo ubu n’ ikibazo cya politique yanyu mutazi aho yerekera. Wowe iyo ureba generals, aba depites, abanyapolitike bahunze igihugu ubona nta kibazo kirimo? Cyereka niba uri umwana utarasobanukirwa cyangwa wanga kureba ukuri kw’ibibazo mufite. Ntabwo ibibazo mufite bizashira president wanyu adashobora gusohoka mu gihugu, atitabira inama abandi barimo. Uravuga ko nta by’amoko biri mu Burundi? ahubwo se nihehe kw’isi haba amoko uretse iwanyu. Waba warigeze usoma les accords d’Arusha de 2003-2005? Kugabana ubutegetsi sur des quotas ethiniques niho byapfiriye, the results of such a political based accords is what your have today. Amaserano ya Arusha mwasinye mukagabana imyanya ya politique mufatiye ku moko,: mu gusirikare, muri police no mu kazi ka leta, ingaruka zabyo ni ubwicanyi murimo uyu umunsi. Bizabarushya kuva muri ririya korosi mwaguyemo ndakurahiye.

  • icishe uburundi, kuva kuri nyumbakumi gushika kuri président, ntabumenyi bafise batanga akazi baravye ubwoko gusa. ntushobra kwiga sport ngushobore politique!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.