Accueil > Amakuru > Amashuri > Urwaruka rukwiye gukurira mu mahoro n’umwumvikano
 Urwaruka rukwiye gukurira mu mahoro n’umwumvikano
 Urwaruka rukwiye gukurira mu mahoro n’umwumvikano
				
				mardi 28 Rusama 2013
Kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 26 Rusama 2013, niho hugururwa igice ca kabiri c’umunsi wahariwe amahoro n’ubutungane mu mashure, k’urwaruka ruri ku mashure 18 yisumbuye ahurikiye muri diyoseze nkuru ya Bujumbura.
Kubwa Patiri Dieudonné Niyibizi, umunyamabanga nshingwabikorwa wa CDJP (Commission diocésaine justice et paix), yavuze ko ikibuze hano mu guhugu cacu, ni umubano nyakuri no kutamenya agaciro ka kiremwa muntu bituma abarundi baguma baryana.
Kugira uwo mubano mwiza ugaruke, ni uko urwaruka rwo mu mashure yisumbuye rwokurira mu mahoro n’umwumvikano be n’ubutungane. Biciye mu ntambo, mu vyese, mu ndirimbo no mudukino, urwo rwaruka rwarerekanye akamaro ko guhururmbira amahoro n’umwumvikano.
Umunyamabanga nshingwabikorwa muri CDJP yamenyesheje  ko bashimye 
guhimbaza uwo munsi biciye m’utugenegene kuko ariho abantu batahura ningonga ubutumwa buba bwashatse gutangwa.Yongera yibutsa  kandi ko abarundi baticanye bivuye kukutamenya canke kukutiga,  ariko  ari kutamenya agaciro ka kiremwa muntu.
Intumbero ya CDJP n’uko rero urwaruka rwomenya ko kazoza kadashobora kwubakwa mu gihe ata mahoro n’ubutungane bihari.
Mariella Bukuru
