IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Urwego rw’abashingantahe : Gusubiramwo itangwa ry’agafashanyo bikumira (...)

Urwego rw’abashingantahe : Gusubiramwo itangwa ry’agafashanyo bikumira abakene

jeudi 10 Ndamukiza 2014

Urwego rw’abashingantahe mu Burundi rumenyesha ko ubushikiranganji bw’amashure ya kaminuza bwagize nabi mu kwigungana ikibazo c’agafashanyo gahabwa abanyeshure batoye ikibazo ca Reta, kuko butanafashe umwanya ukwiye w’ukwiga ico kibazo.

Urwego rw’abashingantahe rwashikirije aho ruhagaze ku ngorane zimaze iminsi muma kaminuza ya Reta, bivuye kw’itegeko ry’umukuru w’igihugu nimero 100/07 ryo kuwa 14 Nzero umwaka wa 2014, risubiramwo uko agafashanyo gatangwa, hamwe n’itunganywa gushasha ry’imyimenyerezo bita "stages".
Mw’ikete bandikiye umukuru w’igihugu kuwa 8 Ndamukiza, mu rwego rw’abashingantahe bagira bati : "Nyakubahwa, mu gihe iryo tegeko mworishira mu ngiro ata gihindutse, hari igice kinini c’abana coba gikumiriwe, ingaruka zoba nyinshi cane kuko habonekamwo ikumirwa ry’umurwi w’abakene. Muri ico gihe rero, umwana w’umutunzi gusa niwe yoja kwiga muri kaminuza.

JPEG - 796.3 ko
Mu rwego rw’abashingantahe bashigikiye ko hotangura ibiganiro, imbere y’ishirwa mu ngiro ry’ingingo zafashwe

Abo bashingantahe babandanya bagira bati : "Ikibazo c’uko igihugu gikenye, kandi ibiharuro vy’abategerezwa gufashwa vyaraduze kirumvikana, mugabo rero ubushikiranganji bubijejwe bwarigungaye ikibazo gikomeye kiraba kazoza k’igihugu.
Muri urwo rwandiko nyene, mu rwego rw’abashingantahe bavuga ko vyari bikwiye ko ubushikiranganji bubijejwe bwiha umwanya ukwiye kugira bubanze kuvugana n’abo vyega bose, yaba abavyeyi, abaserukira amadini, abaserukira amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike begwa n’ico kibazo, abigisha, hamwe n’abanyeshure ubwabo baterere ivyiyumviro mu ntumbero yo gutora inyishu itomoye. Ivyo bikaba vyotuma biga inzira zose zishoboka, kugira habe ibiganiro hamwe n’umwumvikano, kanatsinda ko biri mu biranga intwaro ibereye.

Abanyeshure ba kaminuza za Reta bamaze indwi zitatu zirenga mu mihana iwabo, ikiringo c’ukwiyandikisha cari congerejwe n’umushikiranganji w’amashure ya kaminuza n’ubushakashatsi kikaba kizorangira ku munsi w’ejo kuwa gatanu igenekerezo rya 11 Ndamukiza 2014. Gushika n’ubu biragaragara ko abanyeshure batitavye ako kamo, abajejwe gutanga ibitigiri vy’abiyandikishije nabo bakaba batarashima kubishira ahabona.


Floxella Karire

Messages

  • emwe biracagoye!none igihugu c i burundi kibaye icande?harakwiye umumvikano kubo vyega bose ,kubera ikibazo c indero nibose,hamwe hoba ukuvugana kubo vyega bose ntakibuza umuti utazoboneka.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.