Accueil > Ubutunzi > Uturusho dutangwa mu ntumbero yo guhamagara abanyamitahe
 Uturusho dutangwa mu ntumbero yo guhamagara abanyamitahe
 Uturusho dutangwa mu ntumbero yo guhamagara abanyamitahe
				
				mercredi 24 Mukakaro 2013
Ku vyerekeye ivyo ikigo OBR (Office Burundaise des Recettes) cashikirije kivuga ko uburusho buhabwa amashirahamwe hamwe n’abantu bamwe bamwe mu gice ca kabiri ko bituma habaho agahombo gakomeye ku butunzi bwa Leta, mu bushikiranganji bw’ikigega ca Leta bamenyesha ko gutanga utwo turusho ari akaryo kaba kabonetse kugira bahamagarire amanyamitahe kuyizana mu Burundi.
Désiré Musharitse, umuvugizi w’ubushikiranganji bw’ikigega ca Leta yatanze insiguro ko Leta y’Uburundi iharonkera ukunguko mu gihe ibikorwa vy’akamaro ku banyagihugu vyinshi usanga bifashwa mu buryo n’abanyamitahe bo hanze y’igihugu.
Désiré Musharitse yamenyesheje ko kubera Uburundi busanzwe bukenye, butegerezwa kurondera abantu benshi bazana imitahe yabo kugira Leta ishobore kuduza ubutunzi bw’igihugu.
Yabandanije amenyesha kandi ko hakenewe ko batora ukunganisha hagati y’akamaro k’uturusho dutangwa n’ubutunzi bw’igihugu, hagati y’imitahe y’abikorera utwabo hamwe n’ivy’amakori n’amatagisi bishobora kugira ingaruka mbi ku butunzi bw ‘igihugu.
Désiré Musharitse yamenyesheje kandi ko mu bushikiranganji bw’ikigega ca Leta barindiriye amatohoza ariko arakorwa n’ikigo gitororokanya amakori ya Leta (OBR), ku burusho bwoba bwahawe abantu bidakwiriye.
Floxella Karire
