IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Uwagiriza Tasiyano Sibomana yoba ataraboneka

Uwagiriza Tasiyano Sibomana yoba ataraboneka

jeudi 20 Ruhuhuma 2014

Mu gihe vyanuganugwa ko Tasiyano Sibomana wo mu mugambwe UPRONA urongowe na Karori Nditije yahava arenguka muri sentare nkuru y’igisagara ca Bujumbura, gushika isaha zitandatu z’umurango kuri uwu wa kane ntiyari bwashikanwe muri sentare, bikavugwa ko uwumwagiriza ivyaha akurikiranwako yoba ataraboneka.

Bamwe mu badasigana rero bakaba bari baje kwumviriza urwo rubanza, ariko bakavuga ko nabo nyene bapfuye kuhaza kuko bari bavyumvise bivugwa uko. Ariko amakuru twashoboye kuronka, yavuga ko mu madosiye yoba yashikiriye umukuru wa sentare nkuru y’igisagara ca Bujumbura, iy’uwo mudasigana itarimwo. Bikumvikana ko aca aba aragumye aho apfungiwe muri BSR.

Tukabamenyesha ko uwuburanira Tasiyano Sibomana avuga ko ivy’aha vy’uwo aburanira biza birahindurwa ku mwanya ku mwanya. Umushingwamanza Anatole Miburo amenyesha ko ubwa mbere, uwo aburanira yafashwe yagirizwa ivyaha bitatu harimwo kugumuka, ubu naho ivyo vyaha bikaba vyahanaguwe, akaba yoba ubu yagirizwa guhungabanya inzego z’igihugu. Kubw’uwo mushingwamanza, Tasiyano Sibomana yorekurwa, kuko ata kindi ariko arahorwa atari imvo za poritike.


Aristide Nizigire

Messages

  • Abikore bimukore da!Yiyumvira kobomutinya nko muri 1993-94.

  • Uwumwagiriza ntaraboneka. Ni ukuvuga ko bakirementanya. Nibaheza baramuronka bace bamutegeka ivyo ategerezwa kuvuga imbere y’ abaryamanza hanyuma nabo bace bamurungika mu mpimba. Voilàle Burundi busha.

  • mbega umwagiriza ninde atari cndd???? amakuru tuzi nuko uwo bahaye mission yo kumwagiriza atarafata neza mu mutwe ivyaha vyose bamubeshera, Ntibagomba ko abakoza isoni nka wa mukenyezi yananiwe kurahirira amabanga ajejwe ku munsi w’ejo

  • none azoguma mumunyororo kandi atawumwagiriza?

  • Nibazako vyoba vyiza leta yacu yisubiyeko ikareka ubutungane bugakora atagitsurekuko ababanyepolitike birigwa bafatwa kuberirementanya sivyiza.akarorero:Rajabu,abanyecibitoke ca rugombo bahawe amahera kugira bamwagirize,Dwarudo(Fundi)umunyecibitoke yitwa Iranyibutse stany batazira Zidane yahawe akazi amaze kumwagiriza,Bamvuginyumvira nuko,Tasiyano,niko kukwo none.ikibabaje nuko hagize umwe muba cndd fdd yagiwe naka dosiye amarumwanya urume rumara muri mpimba,

  • uwo ata akarimi yitwaza ivyicenda nagatatu(1993)nagira ndamwibutse ko umushingantahe tasiyano yarekuwe!!!!ngirurarya umusaya niryinyo rivunguke hahahaha hihihihi....ukuri kuzotsinda misiyose. iyahure rero.ndagutuye CVR niyaza naho ?

  • Ba mukurikirana amakuru!Aza yamaze kurekurwa namwe mukaza kwandika ivyahise1Il faut être àjour!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.