Accueil > Ubutunzi > Uwukoresheje umukozi wa OBR mu masaha atari ay’akazi aramuriha
 Uwukoresheje umukozi wa OBR mu masaha atari ay’akazi aramuriha
 Uwukoresheje umukozi wa OBR mu masaha atari ay’akazi aramuriha
				
				mercredi 12 Kigarama 2012
Ikigo OBR kijejwe gutoza amatagisi n’amakori ngo kirakora uko gishoboye mukorohereza abadandaji n’abarangura ibidandazwa babikura hanze y’igihugu. Ariko rero ngo abakozi ba OBR bategerezwa gukora amasaha ategekanijwe n’amategeko, uwubakeneye inyuma y’aho arabariha amadolari 20 kw’isaha imwe.
Abakozi b’ikigo OBR bakora amasaha atarenga 8 k’umunsi kiretse ku wagatandatu bakora kuva isaha zitanu gushika isaha umunani , k’umunsi w’Imana naho n’umunsi wakaruhuko .Naho biri uko Domitien Ndihokubwayo icegera c’uwurongoye ikigo OBR avuga ko atawuzana ibidandazwa ngo abure uwumwakira kuko ngo vyategekanijwe.
N’ukuvuga ko uwukeneye umukozi wa OBR mu masaha adategekanijwe n’amategeko agenga akazi k’abakorera muri OBR ibikorwa birakorwa ariko nyene ibintu ariha amadolari 20 kw’isaha idategekanijwe. Domitien Ndihokubwayo icegera c’uwurongoye OBR abajijwe n’abamenyeshamakuru ko ahubwo ico kigo categerezwa gukora amasaha 24 kuri 24 kugira citegurire iyinjizwa ry’uburundi mu karere ka Afirika y’ubuseruko, iyo ndongozi ya OBR imenyesha ko ivyo bizokorwa buke buke.
Amenyesha ko hari urutonde rw’imipaka bashaka ko yugurura umunsi wose ,urwo rutonde rero ngo ruza rwarashikanywe mw’ishirahamwe vy’ibihugu vy’akarere ka Afirika y’ubuseruko.
Nayo kubibaza ko abakorera OBR mu masaha adategekanijwe baba baronse akanya ko kurya ibiturire, iyo ndongozi ya OBR ivuga ko umukozi akora aba azwi kandi ataba ari wenyene.kuri ivyo vy’igiturire mugihe havugwa cane ico gisata kiza muvya mbere binyuruza amatungo ya Reta no kurya ibiturire,Ndihokubwayo avuga ko ico kibazo caviriwe hasi, mbere catorewe n’umuti ngo kuko mu mazu yose akoreramwo abakozi ba OBR, impome zarabomowe kugira akazi ntigatebe kandi bakorere k’umugaragaro.Kandi ico cegera c’uwuramutswa OBR avuga ko biyegereje n’abandi bose bakorana kugira borohereza ababitura ico bita ‘’Guichet unique’’
Rayond Nzimana
