IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Bagorikunda aremeza ko habaye ubwicanyi ndengerabutungane mu Ntara ya (...)

Bagorikunda aremeza ko habaye ubwicanyi ndengerabutungane mu Ntara ya Cibitoke

samedi 25 Ndamukiza 2015

Umushikirizamanza kizigenza wa Repubulika aremeza ko aba porisi bishe urwagashinyaguro abicanyi batatu, mu ntango z’ukwezi kwa Nzero k’uno mwaka inyuma y’imigwano yariko ibera mu Ntara ya Cibitoke.

Kuri uwu wa gatanu igenekerezo rya 24 Ndamukiza, Umushikirizamanza kizigenza wa Repubulika, Valentin Bagorikunda yashize ahabona ivyavuye mu matohoza bakoze ku gitero ca bereye mu Ntara ya Cibitoke, aho ni inyuma yuko ishirahamwe’’Human Rights Watch’’ rishiriye ahabona icegeranyo camenyesha ko habaye ubwicanyi ndengerabutungane inyuma y’iyo migwano. Muri ico cegeranyo, abo baharanira agateka kazinamuntu, bamenyesha ko abantu bagera kuri 47 bishwe ivyagashinyaguro hagati y’amatariki ya 30 Kigarama 2014 na 3 Nzero 2015.

Tubibutse ko igisirikare c’Uburundi cari ciyemereye ko catanye mu mitwe nizo nkozi zi kibi bakica abarenga ijana ariko ishirahamwe HRW ryo ryavuga ko mu bagwanyi bari bishikanye hari abaciye bicwa.

Muri ico kiganiro, Umushikirizamanza kizigenza Valentin Bagorikunda yariyemereye ko abagwanyi bose bishikanye bashikirijwe igiporisi ariko mu mutahoza bagize basanze hari batatu mu ribo bishwe. Valentin Bagorikunda amenyesha ko umurwi wari washizweho ugire amatohoza, wakoze mu bwigenga ntangere kandi ko washoboye kubona ko igisirikare c’Uburundi cakoze akazi kaco uko gategekanijwe, aho ahumuriza ko amatohoza akibandanya kugira hamenyekane amamuko ya karya kagwi kateye mu Ntara ya Cibitoke.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.