IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Yaciriwe umunyororo wo guherayo kubw’icaha co kwica umugore wiwe

Yaciriwe umunyororo wo guherayo kubw’icaha co kwica umugore wiwe

mardi 7 Rusama 2013

Mu ntumbero yo kunyarutsa imanza z’ikibiriraho, Sentare nkuru yo mu ntara ya Mwaro yaraciriye imanza kuwa mbere igenekerezo rya 06 Rusama 2013, abagabo babiri baturuka muri komine Bisoro iri mu ntara ya Mwaro.

Umwe muri abo bagabo babiri yagiriwe n’icaha co kugandagura umugore wiwe akoresheje agafuni. Yaciriwe umunyororo wo guherayo.

Uwugira kabiri yagiriwe n’icaha co kwica umuhungu wiwe abanje kumukubita ikibando ku mutwe, akaba yaciriwe umunyororo wo gufungwa imyaka indwi.

Urubanza narwo rw’umupolisi yagirizwa kwica umunyagihugu rwungururijwe ku genekerezo rya 13 Rusama 2013, kuko uwo yagirizwa ico caha yasavye ko yoronswa uwumuburanira.

Tukiri mu gisata c’ubutungane, mu Kirundo abantu batandatu bapfungiwe mu gasho ko ku gipolisi c’i Mukenke muri komine Bwambarangwe kuva kuw’Imana igenekerezo rya 05 Rusama 2013. Bagirizwa kuba bari mu bakoze igitero cahitanye abantu bane abandi babiri barakomereka bikomeye mu gitero cabaye mw’ijoro ryo kuwa gatandatu igenekerezo rya 04 Rusama 2013 ku musozi Kibonobono, zone Bugorora, komine Bwambarangwe, intara ya Kirundo.


Egide Nduwimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.