IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Yegereyegere muri kaminuza y’ Uburundi kuva ku munsi wa mbere

Yegereyegere muri kaminuza y’ Uburundi kuva ku munsi wa mbere

jeudi 26 Ruhuhuma 2015, par IGIHE

Abanyeshure bo mu nyigisho nshasha BMD ( Baccalauréat -Master- Doctorat) muri kaminuza y’ Uburundi, bari muri yegereyegere guhera kuri uno wa mbere igenekerezo rya 24 Ruhuhuma uno mwaka. Igituma bahagaritse iyo yegereyegere bakaba bishuza agafashanyo kabo k’amezi abiri.

JPEG - 41.3 ko
Simon Rurasuma aserukira abanyeshure

Uwusanzwe aserukira abo banyeshure Simon Marie Rurasuma ,amenyesha ko bahagaritse ivyigwa kuko a gafashanyo kabo katevye kuza bigatuma ubuzima bugorana muri kino gihe , na rirya ariko gasanzwe kabafasha mu kubaho kwabo kwa minsi yose.

Abo banyeshure bavuga ko batangazwa n’ukuntu abanyeshure bo mu ndinganizo z’ivyigwa za kera baronka agafashanyo ariko ab’ubu ntibakaronke bagasaba guhabwa insiguro, nk’uko Simoni Mariya Rurasuma abishikiriza. Kuri abo banyeshure rero bavuga ko ata yindi nyishu atari guca bahagarika ivyigwa kugira bamenyeshe abarezi babo ko badafise ako gafashanyo bica bibagora kubaho na cane cane ko abenshi muri bo basanzwe bava mu ntara zo hagati mu gihugu bakaba mbere ata n’igisanira bafise hano i Bujumbura . Abo banyeshure bavuga ko ariyo bafunguramwo ,abandi bakayagura ibikoresho vy’ishure n’ibindi. Ku buryo mbere bigoye kubashobora guheza ukwezi kwose.

JPEG - 12 ko
abanyeshure ba kaminuza y’ Uburundi bihereje amabarabara kurekuza uwubaserukira

Simoni Rurasuma atera akamo Reta hamwe n’abayobozi ba kaminuza gufatira ku vyo basaba bagakora ibishoboka vyose mu kubaha agafashanyo kabo. Asaba abanyeshure kuguma bafatanye mu nda.

Tubamenyeshe ko ku munsi w’ejo igenekerezo rya 25 Ruhuhuma, uwo asanzwe aserukira abanyeshure Simoni Rurasuma yari yahagaritswe n’igiporisi( Police judiciaire) aho yariko agirana ikiganiro n’umumenyeshamakuru wa Renouveau, akaba yarekuwe ariko bagenzi we babanje kwihereza amabarabara basaba irekurwa ry’uwo abaserukira ata kirinze gusabwa.

Simoni Rurasuma akaba yamenyesheje ko yarinze arekurwa atamenyeshejwe icari camufashe ariko icayemenye n’uko itegeko ryo kumufunga ryavuye hejuru . Abanyeshure bagenzi we bakaba bavuze ko bibaza y’uko yoba yafashwe kubera urugendo bakoze ku munsi wa mbere bava mu kigo co mw’ i Rohero bagana kaminuza y’ Uburundi aho hose basaba agafashanyo kabo baheraniwe.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.