IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Yegereyegere yindi muri kaminuza y’ Uburundi

Yegereyegere yindi muri kaminuza y’ Uburundi

jeudi 14 Myandagaro 2014

Abanyeshure biga mu myaka ya nyuma muri kaminuza y’ Uburundi bahagaritse ivyigwa bishuza agafashanyo kabo k’amezi atatu. N’ubwo ubuyobozi bwa kaminuza y’ Uburundi bwabijeje ko kazoboneka mu ntango z’ino ndwi buca dutangura, bashimye kubandanya iyo yegereyegere.

Abanyeshure biga mu myaka ya nyuma muri nyigisho za kera (ancien système) , mu bisata vyose havuyemwo ic’ubutunzi, kuri uno wa kane igenekerezo rya 14 Myandagaro bazindutse bugariza ibiro vy’ubuyobozi bwa kaminuza y’ Uburundi, bafise inzandiko zitandukanye. Icabazindukanye rero kwari ukwishuza agafashanyo kabo k’ukwezi kwa Rusama , Ruheshi hamwe na Myandagaro. Mu gihe abo banyeshure bari basa n’abacunganye n’abapolisi batari bake, bamwe mu banyeshure baserukira abandi bakiriwe n’umuyobozi wa kaminuza y’Uburundi Gaston Hakiza.

Ubwo buyobozi bukaba bwabemereye ko guhera mu ntango z’iyindwi buca dutangura , agafashanyo kabo kazoba kashizwe ku ma konti yabo. kubwa Anatole Nzonahora umuyobozi w’ibigo vya kaminuza asigura ko icatumye biteba ari uko hari amezi cumi na biri yaheze, abanyeshure baronka bourse ivyigwa batarabirangiza, mu nyuma baciye biga impamvu zatumye umwaka urangira bataraheza ivyigwa, bamaze kubona icatumye batevya umwaka niho bafashe ingingo yo gutanga ako gafashanyo. Anatole Nzinahora yabijeje ko hatarenze ku munsi wa kabiri ako gafashanyo kazoba kashizwe ku ma konti yabo. Igituma naho ukwezi kwa Myandagaro kwatevye gushirwa ku ma konti yabo asigura ko bitumwa n’uko intonde zabo zirinda guca ahantu henshi hatandukanye.

Ariko rero abo banyeshure bamenyesha ko n’ubwo bashizwe mu muhango bavuga ko bidakunda ko batonda mu mashure, kuko badafise uko babaho muri kino gihe. Abo banyeshure bavuga ko bamaze gushirwa mu muhango incuro nyinshi cane ariko imvugo itaba ingiro, ni naco gituma bafashe ingingo yo kuguma bahagaritse ivyigwa gushika agafashanyo kabo gashizwe ku ma konti. Mu gihe ku munsi wa gatatu naho hategekanijwe akanama kabo banyeshure hamwe n’ubuyobozi bwa kaminuza, bamenyesha ko ariho bazoca bafata iyindi ngingo bivanye n’ivyo bazoba bavuganye.


Floxella Karire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.