IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Yosohotse ibohero abanje gutanga ingwati y’amafaranga

Yosohotse ibohero abanje gutanga ingwati y’amafaranga

mercredi 12 Ruheshi 2013

Uwuserukira Leta arashobora gusabira umwidegemvyo umuntu apfunzwe, ariko amaze kwihweza ko ivy’uwafashwe yavuze mu kwisigura bifise ishingiro, ivyo bikavurwa n’umuvugizi w’ubushikiranganji w’ubutungane ku bijanye n’itezurirwa ry’uwahoze ari umukuru w’igisagara ca Bujumbura abanje gutanga ingwati y’imiriyoni 250 z’amafaranga y’amarundi.

Ku kibazo kijanye n’amba uwariwe wese afise ayo mafaranga ashobora kwigombora mu gihe apfunzwe, Eliya Ntungwanayo amenyesha ko ubutungane aribwo buheza bukiga ico kibazo, bukaraba ko uyo muntu koko ashobora gutanga ingwati kugira yidegemvye, iyo ubutungane busanze bidakwiye, ntankeka ko aheza akaba aragumyeyo.

Uwahoze ari umukuru w’igisagara ca Bujumbura Evrar Giswaswa co kimwe n’uwararongoye isoko nkuru ya Bujumbura bose bagirijwe itunganywa nabi ry’isoko nkuru ya Bujumbura inyuma y’umuriro wadutse muri iyo soko ugahitana ibidandazwa vy’abantu ukarigita.

Abo bagabo bose ukwo ari babiri, bakaba kandi baragirijwe ukwihagira ibibanza bimwe bimwe vyo mw’isoko nkuru ya Bujumbura n’ibindi vyaha. Ubu rero Uwahoze arongoye isoko nkuru ya Bujumbura Horugavye Sipiriyano akaba we yagumye mw’ibohero rikuru rya Mpimba.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.