IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > "Inyishu zatanzwe na bamwe mu bavugizi ba Reta usanga zuzuye (...)

"Inyishu zatanzwe na bamwe mu bavugizi ba Reta usanga zuzuye agasuzuguro!"

mercredi 25 Ruheshi 2014

Inyuma y’ikiganiro abavugizi b’ubushikiranganji butandukanye n’abavugizi b’ibisata vya Reta bahaye abamenyeshamakuru mu ntara ya Kirundo, umukuru w’ishirahamwe FOCODE aranegura inyishu zimwe zimwe zagiye zirishurwa ku bibazo bitandukanye, aho wasanga hari izirimwo imvugo y’agasuzuguro. Pacifique Nininahazwe akanegura n’amafaranga y’ikirenga ico kiganiro catwaye, mu gihe iyo ntara cabereyemwo yugarijwe na kigoyi.

JPEG - 1.1 Mo
Pacifique Nininahazwe arongoye ishirahamwe FOCODE

Pacifique Nininahazwe arongoye FOCODE avuga ko atanumva imvo zatumye ico kiganiro kibera mu ntara ya Kirundo, intara imaze igihe ivugwamwo inzara izura inzara igata, mu gihe kandi uburyo bwa Reta butari buke bwahasigaye. Avuga ko iyo ico kiganiro kibera i Bujumbura, cari gutwara amafaranga make, maze ayo yandi agapfuma aja gufasha abo banyakirundo bari mu ngorane z’inzara. Abandanya amenyesha ko mu gihugu kirimwo intwaro rusangi, habaye ikiganiro kirimwo abavugizi ba Reta, hari guca hakurikira ikindi kiganiro kirimwo abatavuga rumwe nayo, abari mu mashirahamwe ataho yegamiye muri poritike n’abahinga, kugira abanyagihugu ntibazirikirwe ku ciyumviro n’inyishu imwe ku bibazo bitandukanye biba vyashikirijwe.

Pacifique Nininahazwe akibaza iyo umukuru w’igihugu yari, ivyegera vyiwe bibiri, n’abashikiranganji bose kuri uwu wa kabiri igenekerezo rya 24 Ruheshi, mu gihe hariko harishurwa bimwe mu bibazo, Pacifique Nininahazwe akibaza namba abo bategetsi barabuze umwanya rimwe mu mezi atandatu yose kugira bashobore kwishura bimwe muri ivyo bibazo. Avuga ko umuvugizi yishura ku bibazo bisanzwe ariko nkora mutima bigaheza bikishurwa n’umutegetsi vyega.


Aristide Nizigire

Messages

  • none wewe uri igiki???????? reka babasuzugure kuko nimwe mwiyambura agashambara!!!!!!!!!! nawewe urasuzugurana aho wiha uburenganzira bwokutubwirako wifuza kumenya ukuri, kunzira karengane zaguye muri kaminuza, hakutubwira ingene mwabigenjeje nico mwashaka gushikako!!!!!!!

  • SHINGA IKIROBERI KUGIRA UZE USHIKIRE UBUTEGETSI HAMA UHINDURE IBINTU, NAYAHANDI UZOVUGA NAMATE AKAME.

  • umukuru wigihugu umuronderera iki???????? wamuririye impera kubazomwikorako????????? bandanya birya mwatanguye vyoguturira amasoko, nimwayaheza nawe muze mumurondere hihihihihiii

  • pacific iyontumwa ya onu ntikujane utayisavye ubuhungiro inyuma yamatora ya 2015 hahahahaha kuko hazoca uwambaye!!!!!!!!

  • abo nabavugizi ba adc-ikibiri. nimugire urunani rwamasosiyete sivile na adc-ikibiri murabeko muzotsinda cndd-fdd, arikogama sunomusi!!!!!!!!!!!! shira ahagaragara ya petition mwisinyira turabe canke abanyagihugu babateye ivyatsi.

  • Nari gutangara Pacifique n’abo bafatanije (amaradiyo) ataco avuze kuvyashikirijwe n’abavugizi b’inzego zitandukanye z’igihugu. None ga karashize ingani pacifique abe ariwe yifatira mugahanga inzego ngo zirasuzugurana!!!! emwe ndadamwe pe. Burya niwe muhinga azi kwumviriza abandi akabatora amahinyu? Mbega ko avuga ko uburyo bwakoreshejwe ari bwinshi bwari gufasha aba nya kirundo bugarijwe n’ubukene, ico arakora atari kuvugira aho yicaye ngo uburundi n’abarundi batere imbere ni ikihe? imfashanyo birirwa bararonka zikora iki atari kuzitunganirizamwo ubugizi bwa nabi ngo maze berekane ko Leta vyayinaniye. Mbega iyo amasoko aturirwa intumbero mwibaza ko tutaba tuyibona? Nuko nyene abarundi bamaze gutahura ibihe turimwo nayahandi ho sinzi uko vyogenze. Kandi impera n’imperuka bizoja ahabona. Pacifique azi kwari we yanonosoye amategeko muri kino gihugu c’uburundi n’abe ararindira. Mbaye nk’abandi mbe ko abanyeshure bo muri Kaminuza ko bagandaguwe ari murivyo bigo ntiyotubwira ababikoze nimba atabifisemwo uruhara tukaba turabimenya. Reka nkebure abarundi bene wacu banyotew iterambere ry’igihugu cacu ko abo bose bashira urwamo hejuru bafise ivyo biyotsa kuko ataco biyotsa ntibokoma amaruru. Edata ngo imirwi yose niserukirwe mukwemeza abazoba bagize CVR none abo babatumye muriko muravugira nio bande? Jewe nibaza ko uwiyumvira Uburundi bw’uno musi n’ubwo mu 1972 nabe arasubiza inkota mu rwubati. Nyakwubahwa Umukuru w4Igihugu ati: "izohera mu rugo iwe iherere mu rugo iwe" ko kuva mu 2010 bagumye baririmba ibiroberi kugeza ubu vyahereye he? Pacifique we nibaza ko igihe cawe naw kiriko kiragera uze wishure ivyo wakorey abanyeshure bagenzi bawe ubahora Ubuhutu batisabiye ngo bavukane.

    Ibisigaye abarundi numva tworema kuko dufise indongozi zizi iyo tuva n’iyo tuja. Intambara abatigeze bayirwana barazi kuyikokeza kuko nibaza nk’uwomuha ngo yirirwe ariruka k’umisozi arare aranyagirwa, arare araraswa, ko atotabaruka ngo aheze ahohe intambara. We azi iyo kwambika amapine abantu abaturira ataco abaziza.
    Murantunga nuko babazwa n’ikibanza pacifique agomba kwiha mu gihugu cacu kumwe ari we ntungane.

  • Jewe ako kaaagabo haraho kashisha none nkaho ivyo kavuga nibiki umengo ntigafise ico gakora ikibaye conse karagipinga nigatume

  • Mumajambomake ijonjavyi Pacifique ikwiyekumenya nuko gufasha intara nokuyiteriteka nibintubibire vyose ntagisimburikindi ngokigisubirire, kubabaje ngahamu Kirundo navyotwaritubinyotewe, nkuko tubakeneye kobodukubitirako mwikigihe cinzara. Badukoreye kimwemurivyo turashima babikozevyose dukomeza gushima. Uravyumva ukobimeze gawanjavyiwe Pacifique?

  • Numvirije ivy’iyumviro vyabo bamaze kwandika nsanga bitwenza gusa! Naho harimwo ivyo gucokorana harimwo ukuri! Abagize CVR bazotorwa he? Ninde adafise ico yagirizwa? Président wenyene abemeza arafise ivyo abazwa! Naho yagiz inkinamico ngo yambwitsw izera kurubanza yaciriwe. N’amafaranga y’igihugu gusa bagomba kwonona gusa

  • Iyaba uko wasa kumubiri ariko wasa kumutima ntaco waba ubaye,ubwiza bwari kuja kumutima no mubwonko bwawe,bwiroreye mumaso.uzotangara wewe pacifique nabo mufadikanije ivyo binyoma,kandi sikera caane,muzicwa nagahinda kivyo mwakoze ndabarahiye.

  • Erega ivyo si bishasha turamenyereye ko akazi ka pacifiq ari kuvuga gusa ibikorwa navyo bikaba ubusa!!! Ntakindi yoshobora atarico nico gituma bimugora no gutahura izo nyishu kubera bazishura uko atabishaka

  • Si agasuzuguro Mr Pacifique,abo bavugizi nta numwe azi ivyarimwo.Namasaba nyama gusa.Urigera wumva NZOBONARIBA avuga ijambo ryukuri?Eka ashaje nabi gusaza ubesha?

  • Nkako kiyita Jeanne nako kiyita mama sinibaza ko bukomeye mu mutwe.Amasoko mwayimariye ngo niba Pacifique??Ahubwo nizahera bazoturira mwebwe aba DD bo ntibafyina.Mwavuze ngo muziturira kugira mutwubakire iza kijambere twararindiriye turabura.

  • Ibitutsi ntivyubaka nagato.

  • Les dd ndabona arimwe mwagize comments nyinshi ariko muribijuju gusa mutize mugahedwa mukanura!!!muzokwumirwa jewe sinaribwabone ibirofa nkaba dd!!nayo Pacifique ntimumwigereranye nagto arabaruta na president wanyu mwishimira umenga nikigirwamana canyu ntanigice c’ubwenge nkubwa Pacifique yopfa aronse!!!hiiiiii!!!muzobona ibara ba dd

  • Ariko harabaho kwisi abantu bagenda batagira ubwonko ??!jewe ndatagara kubona aba ba DD bandika ngaha kweri?7, mukunda umuntu abicira ,banyoko et baso’abashikanyu ,akabendera ’abanabanyu batareza 15ans etc akabicisha inzara ’inyota’ mukama mumuteze amashi?ariko imana irarema nigende hari ubwoko nubundi kabisa muva mubwoko ubuhe???

  • @Munyagihugu, Mbega kowatayumwanya wawe wubusa ikinyegeza inyuma yiryozina ryirihimbano mugushigikira injavyi mungezawe wibaza abarundi bagize ubwenge bumeze nkubo bwa Pacifique ku Burundi butocabumera nkomumyaka yaza 72 na 93? ubwengenge nkubwo bwa Pacifique uvuzeko umukuruwigihugu atagira nicakabiri cubwenge bwa Pacifique abantunkamwe simwe mwajombaguye imbugita umuhisi perezida Ndadaye ngontimwokwemera kwaguma yicaye kuntebe yumukuruwigihugu muburundi ngontahovyabaye? urabona ukuntu ubinyibukije ukoresheje ngo perezida Nkurunziza ngontagita nicakabiri cubwenge bwa Pacifique!!! Ubwishime nkubwo abarundi ntibazosubira kubuhumanya nagahengwe kuko nibwobwatumye habaho ivyabaye muri 72 na 93 Data watwese womwijuru izinaryawe nirininahazwe ivyushaka bibekw’Isi..........Utubabarire ibicumuro vyacu nkukonte tubabarira ababitugirira...........

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.