IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubudandaji > ABUCO isaba Reta gushira umuco mu ngingo yo kutarihisha amatagisi (...)

ABUCO isaba Reta gushira umuco mu ngingo yo kutarihisha amatagisi ibidandazwa bimwe biva hanze

jeudi 16 Ntwarante 2017

Umukuru w’ishirahamwe ry’abaguzi ABUCO Nöel NKURUNZIZA asaba ko ingingo ya Reta yo gukura amatagisi ku bidandazwa vya nkenerwa vyinjira mu gihugu bivuye hanze yoshirwa mu ngiro ata kanenge.

Mu gihe Uburundi n’amakungu buhimbaza umunsi mukuru mpuzamakungu wahariwe abaguzi, Nöel NKURUNZIZA amenyesha ko ingaruka zo kutarihisha amatagisi ibidandazwa vya nkenerwa biva hanze zitaraboneka.

Nöel NKURUNZIZA arongoye ABUCO amenyesha ko imirwi y’ubuhinga itararonka uburenganzira hamwe n’urwandiko rwerekana igitigiri c’ibidandazwa vya nkenerwa biva hanze bitariha amatagisi kubera ingingo ya Reta.

Nöel NKURUNZIZA asaba Reta gushira umuco mw’ishirwa mu ngiro ry’iyo ngingo kugira abaguzi baronke akarusho, agasaba kandi Reta ko yokwigisha abanyagihugu b’abarimyi gukoresha imbuto zirobanuye.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.