IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubudandaji > Ishirahamwe AFRICANA KIKOI ryo muri Kenya ryatunganije ihayanishwa gurisha (...)

Ishirahamwe AFRICANA KIKOI ryo muri Kenya ryatunganije ihayanishwa gurisha i Bujumbura

vendredi 30 mars 2018

Uwaserukiye ishirahamwe AFRICANA KIKOI yavuze ko ishirahamwe aserukira ryatunganije iryo hayanishwa gurisha, mu ntumbero yo kwerekana ko urwaruka rushoboye, kandi rushobora gufasha kugira urudandazwa rutere imbere.

Yavuze ko ata bundi buryo abakiri bato bazoronka akazi bidaciye mu rudandazwa ruto ruto, kandi n’ibihugu vyacu bidashobora kuronka ubutunzi, butavuye mu rudandazwa ruto ruto.

Sylvane M. Chongwony yaserukiye umuserukizi w’igihugu ca Kenya mu Burundi, yavuze ko ishirahamwe AFRICANA KIKOI riri mu nzira nziza, kuko ata minsi iheze abakuru b’ibihugu bahuriye mu gihugu c’Urwanda kugira bavugane uko Afrika yose yokwugurura imiryango.

JPEG - 168.2 ko
Sylvane M. Chongwony, ajejwe ibikorwa mu buserukizi bwa Kenya mu Burundi

Uwo yaserukiye uwuserukira igihugu ca Kenya mu Burundi, yasavye ishirahamwe AFRICANA KIKOI kubandanya kwagura urudandazwa , gushika no mu bihugu vyose vya Afrika, kuko naho bigeze ubu vyerekana ko Afrika itera ija kuba igihugu kimwe.

Sylvane M. Chongwony yashimiye Reta y’Uburundi kuba yarorohereje ishirahamwe AFRICANA KIKOI mu kwinjiza ibidandazwa vyabo, kuko mu bidandazwa nkibi ariho ubutunzi bwa Afrika buva.

Iryo hayanishwa gurisha ryatanguye kw’igenekerezo rya 26 Ntwarante 2018, rizorangira kw’igenekerezo rya 12 Ndamukiza 2018, ryitabwe n’ibihugu indwi : Uburundi, Kenya, Urwanda, Tanzaniya, Ubuganda, Republika Iharanira Intwaro Rusangi ya Kongo na Misiri.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.