IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubudandaji > Ikigo API gihamagarira abadandaza kwiyandikisha kugira bakingirwe (...)

Ikigo API gihamagarira abadandaza kwiyandikisha kugira bakingirwe n’amategeko

vendredi 30 mars 2018

Mu ruganda rwo gukarihiriza ubwenge abadandaza mu vyerekeye uruja n’uruza rw’urudandazwa ndengambibe kuri uwu wa gatunu igenekerezo rya 30 Ntwarante 2018, Serges NSABIMANA yaserukiye umuyobozi w’ikigo kijejwe kworohereza abanyamitahe amenyesha ko, abadandaza bakurikije amategeko mu kazi ka minsi yose bazoharonkera akunguko kuko kenshi abakorera mu binywabi bahura n’intambamyi nyinshi nk’abasuma , canke uruhombo iyo bafashwe n’inzego zibijejwe barenze amategeko.

Serges NSABIMANA amenyesheje ko, kugira bashobore gukingirwa n’amategeko, ikigo yaserukiye kiri ngaho kugira kiborohereze mukuronswa impapuro zikenewe, izo nazo ni nk’inomero ndangamudandaza(NIF), urupapuro ndangashirahamwe(statut), urupapuro ndangamutangakori(registre de commerce).

Serges NSABIMANA ahamagarira abanyamitahe gukora urudandazwa ndengambibe kuko ruzana inyungu hamwe n’amahera y’agaciro ku gihugu, aho mbere anahimiriza abarangura ibidandazwa hanze ko bokwama igihe cose bagenda bashoye ibidandazwa vyimburwa canke bikorerwa ngaha mu gihugu cacu.

MANIRAKIZA Emmanuel arongoye ishirahamwe ry’abadandaza barenga imbibe(ACTF-BURUNDI) amenyesha ko, mu gihe umudandaza afise impapuro zemewe n’amategeko, yoroherezwa ku mipaka ariko akanashikiriza ko amabanki y’I Burundi abasaba inyungu z’umurengera bigatuma bakora bahomba

Ikigo kijejwe kworohereza abanyamitahe(API) gihamagarira abadandaza gukorera hamwe mu mashirahamwe kuko bizana inyungu ihagije ku banywanyi b’iryo shirahamwe.


Oscar NDAYISHIMIYE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.