IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubudandaji > Abadandariza mu kibanza Le Grenier basaba umwanya wo kwitegura imbere yo (...)

Abadandariza mu kibanza Le Grenier basaba umwanya wo kwitegura imbere yo kwimuka

lundi 3 Mukakaro 2017

Abo badandariza muri ico kibanza kiri ahahoze isoko nkuru ya Bujumbura, bavuga ko umukuru w’igisagara Freddy MBONIMPA yaje ababwira ko bokwitegura bakava muri ico kibanza, ariko ata mpamvu yababwiye yotuma bavaho n’ikibanza bokwimukiramwo.

Emmanuella KANYAMUNEZA umwe mu badandariza mu kibanza ca Le grenier avuga ko batanse ingingo yamaze gufatwa n’ubuyobozi bw’igisagara ca Bujumbura, ariko ko basa n’uko bagiye mw’ibarabara kuko n’ayandi masoko bojamwo ata bibanza bayafisemwo,vyobatwara umwanya wo kubirondera.

Avuga ko ari ingingo yafashwe giturumbuka :«Bibaye ivya giturumbuka ntituzi iyo tuzoca tuja. Bisa n’uko tugiye mw’ibarabara, ubuzima buca buhagarara kandi benshi dutunze imiryango kubera iki kibanza

Emmanuella KANYAMUNEZA avuga ko naho batarabonana n’uwurongoye isoko Le Grenier ngo abahe umuco,bafise amakuru ko iyo ngingo yafashwe mu ntumbero yo kurondera ingene isoko ya COTEBU yoronka abayikoreramwo.

Emmanuella KANYAMUNEZA asaba ko bohabwa ikiringo gikwiye kugira barondere ibibanza bimukiramwo, gutyo bashobore kubandanya bafasha imiryango yabo kubaho,kuko ubuzima bushobora gusubira inyuma.

Abadandariza mu kibanza Le Grenier bahawe ikiringo co gushika ku munsi wa gatatu igenekerezo rya 5 Mukakaro 2017,kugira babe bavuye muri ico kibanza.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.