IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubudandaji > Abadandaza bose bahamagarirwa gukoresha "Facture" iriko ibisabwa na (...)

Abadandaza bose bahamagarirwa gukoresha "Facture" iriko ibisabwa na OBR

vendredi 4 Myandagaro 2017, par Egide NDUWIMANA

Jean Berchmas NIYONZIMA umuyobozi mu kigo OBR ajejwe amatagisi atozwa hagati mu gihugu aravuga ibiri muri iyo fagitire igiye gukoreshwa n’abadandaza bose : "Iyo umuntu aguze hategerezwa kujako izina ryiwe. Nuko uwo mudandaza ategerezwa gushirako umwidondoro wiwe mu kibanza gisanzwe kiri kuri iyo fagitire, izina ry’ishirahamwe ryiwe canke iryiwe nyene mu gihe asanzwe akora ivyiwe, agashirako inomero ndangamucuruza bita NIF, hanyuma akandika ikidandazwa adandaje, akavuga n’igiciro yadandajeko, akerekana n’itagisi yatanzwe n’umudandaza."

JPEG - 136.5 ko
Jean Berchmans NIYONZIMA, umuyobozi mu kigo OBR ajejwe amatagisi atozwa hagati mu gihugu

Umuyobozi mu kigo OBR ajejwe amatagisi atozwa hagati mu gihugu amenyesha ko muri ico kigo bari bamaze kubona ko kudakurikiza amategeko, hamwe n’ukutuzuza ibitegerezwa kuja kuri fagitire bituma Reta ihomba itagisi yategerezwa kuronka.

JPEG - 139.5 ko
Abaguzi benshi bahabwa Fagitire zitariko ibisabwa n’ikigo OBR, nk’uko Jean Berchimas NIYONZIMA yavyiboneye aho yishikira ku rubuga mu gatondo ko kuri uwu wa gatanu

Mu gihe abadandaza bose bokwijukira gukoresha iyo fagitire, mu kigo OBR bavuga ko bizoca biborohera guharura amakori n’amatagisi aba yinjiye.

Mw’ikete risaba abadandaza gutangura gukoresha iyo fagitire, ntibavuga ikiringo ntarengwa cahawe abadandaza, ariko muri OBR bagasaba ko uku kwezi kw’umunani kwoba ukwo kwitegura, kugira abadandaza bose babe bamaze kuronka iyo fagitire isabwa na OBR, kugira mu ntango z’ukwezi kw’icenda bose bazobe bamaze kwisunga iryo tegeko ry’umuyobozi mukuru wa OBR.

JPEG - 127.9 ko
Mu kigo OBR bavuga ko bari bamaze kubona ko kudakurikiza amategeko, hamwe n’ukutuzuza ibitegerezwa kuja kuri fagitire bituma Reta ihomba itagisi yategerezwa kuronka

Egide NDUWIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.