IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Abagirizwa gushaka kugandagura Lieutenant-Général Prime NIYONGABO basomewe (...)

Abagirizwa gushaka kugandagura Lieutenant-Général Prime NIYONGABO basomewe urubanza

mercredi 29 Ntwarante 2017, par Egide NDUWIMANA

Sentare nkuru ya komine Mukaza mu gisagara ca Bujumbura yaciriye urubanza abantu batanu bagirizwa ko aribo bashatse kugandagura umukuru w’igisirikare c’Uburundi, Lieutenant-Général Prime NIYONGABO mu kwezi kwa Nyakanga 2015.

Muri abo batanu baciriwe urubanza, abasirikare batatu (Jean Marie Vianney Nzoyihera, Elvis Nkunzimana hamwe na Pascal Tombori) bahanishijwe umunyororo w’ugupfungwa ubuzima bwabo bwose.

Babiri basigaye (Pancrace Ntamatungiro na Léonard Nizigiyimana) ni abanyagihugu bagirijwe ko bafashije muri uwo mugambi w’ugushaka kugandagura Lieutenant-Général Prime NIYONGABO, ubutungane bukaba bwabagirije ko batanze ahabereye amanama y’ugushira mu ngiro uwo mugambi. Bompi bahawe igihano c’ugupfungwa imyaka cumi.

JPEG - 86.6 ko
Lieutenant-Général Prime NIYONGABO

Lieutenant-Général Prime NIYONGABO yategerewe n’abantu bitwaje inkoho ariko aja ku kazi mu gatondo ko kw’igenekerezo rya 11 Nyakanga 2015. Yararokotse muri ico gitero, ariko hakaba hari bamwe mu bamucungerera ubuzima bahaguye.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.