IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > ’’Abakobwa barenga imiriyoni 15 kw’isi ntibaronse akaryo ko kuja (...)

’’Abakobwa barenga imiriyoni 15 kw’isi ntibaronse akaryo ko kuja kw’ishuri’’-UE

vendredi 9 mars 2018

Mw’itangazo ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya ryasohoye kuwa kabiri igenekerezo rya 6 Ntwarante 2018, mu ntumbero yo guhimbaza umunsi mukuru mpuzamakungu wahariwe abakenyezi kw’isi, Ishiramwe ry’Ubumwe bwa Buraya rimenyesha ko abakobwa barenga imiriyoni 15 kw’isi yose aribo bataronse amahirwe yo kujanwa mu mashure y’intango.

Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya rimenyesha ko, ryemeye guteza imbere indero kavukire mu bihugu vya Afrika, mu bihugu vya Amerika y’Epfo hamwe no mu bihugu vyo muri Aziya y’ubumanuko ishira ubuseruko.

Muri iryo tangazo nyene, Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya, risigura ko nk’ishirahamwe rirajwe ishinga n’ihohoterwa rifaye ku bitsina, iryo hohoterwa ryoshirwa mu bikorwa bibi bikorerwa ikiremwa muntu.

Iryo shirahamwe rimenyesha ko guha agaciro abakenyezi n’abakobwa bitanga agaciro mu kibano ,bigatanga uburenganzira bungana hagati y’abagabo n’abakenyezi.


Oscar NDAYISHIMIYE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.