IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Home > Amakuru > ishirahamwe > PARCEM rivuga ko ribabajwe no kubona umuce wa 5 w’ibiganiro ataco (...)

PARCEM rivuga ko ribabajwe no kubona umuce wa 5 w’ibiganiro ataco washitseko

Friday 26 October 2018, by vianney

Mu kiganiro umukuru wa PARCEM yahaye abamenyeshamakuru kuruno wa gatanu igenekerezo rya 26 Gitugutu umwaka wa 2018,Faustin NDIKUMANA yavuze ko ibibazo vy’ubutunzi,imibano hamwe n’ivya poritike igihugu gifise ubu bidashobora gutorerwa umuti mu mezi 18 asigaye kugira amatora abe.

Faustin NDIKUMANA avuga ko inzego zotorwa mu matora ya 2020 arizo zonyene zofasha gukuraho ivyo bibazo vyo mu gihugu.

Uyo mukuru wa PARCEM yavuze ko niyo habura inzego mu mwaka wa 2020 zishobora gutorera ibibazo igihugu kirimwo igihugu hamwe n’abanyagihugu bazoba bahuye n’ivyago bikomeye.

Faustin NDIKUMANA atera akamo abo vyega bose kwikubita agashi kugira inzego zizotorwa zizoshobore gutorera umuti ibibazo biriho.


Vianney BIKORIMANA

Forum posts

Any message or comments?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.