IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > Abantu 5 barishwe, 9 barakomeretswa mu kiringo c’indwi imwe

Abantu 5 barishwe, 9 barakomeretswa mu kiringo c’indwi imwe

lundi 20 novembre 2017

Nk’uko biri mu cegeranyo c’isekeza SOS-Torture cama gisohoka uko indwi iheze,uwundi mwigeme umwe yarasinzikarijwe ubuzima mu ntara ya Gitega, mu gihe abandi bana babiri nabo bari mu basinzikarijwe ubuzima.

Muri ico cegeranyo,isekeza SOS-Torture riragaruka kandi k’ubuzima bw’abapfunzwe, aho rimenyesha ko ibitigiri vy’abari mu munyororo bibandanya kwiyongera, rikamenyesha ko mu kiringo c’amezi abiri gusa igitigiri cavuye ku bantu 10.210 bapfunzwe, gishika ku bantu 10.630, n’ukuvuga abantu 420 biyongereye.

Isekeza SOS-Torture riragaruka kandi kw’ihagarikwa rya bamwe mu banywanyi b’umugambwe FNL urongowe n’umushingamateka Agathon RWASA , mu ntara ya Ruyigi bagirizwa gukorana n’umushingamateka Pascal BIZUMUREMYI yatowe mu ntara ya Ruyigi, ku ruhande rw’abigenga Amizero y’Abarundi.

Mu kurangiza,isekeza SOS-Torture rimenyesha ko ryanezerejwe n’ivyashikirijwe n’icegera c’umushikiranganji w’intwaro mu gihugu ca Tanzaniya, mu gihe umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Pascal BARANDAGIYE yagendera amakambi y’impunzi mu gihugu ca Tanzaniya,ico cegera c’umushikiranganji camenyesheje ko ata mpunzi y’umurundi izotahukanwa ku nguvu mu Burundi.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.