Abanywanyi icenda ba RWASA Agathon bafatiwe i Ngozi

Yanditswe na IGIHE
Kuya 21 février 2017 saa 11:46
Yasomwe : 39105
0 0

Abanywanyi icenda ba FNL ya Agathon RWASA bakwije umunsi ugira kabiri bapfungiwe mu gasho ka komine Ngozi. Bose uko ari icenda bafashwe ku mugoroba wo kuri uwu w’Imana.
Abo bayoboka RWASA Agathon icegera ca mbere c’umukuru w’inama nshingamateka bafatiwe mu bunywero, bagirizwa ko bariko bakora inama itemewe n’amategeko, baca bajanwa gupfungirwa mu gasho ka komine Ngozi.
Mu ndongozi za FNL ya RWASA i Ngozi bamenyesha ko ako ari agatotezo gakorerwa abayoboka RWASA. Bariyamiriza ivyo abo (...)

Abanywanyi icenda ba FNL ya Agathon RWASA bakwije umunsi ugira kabiri bapfungiwe mu gasho ka komine Ngozi. Bose uko ari icenda bafashwe ku mugoroba wo kuri uwu w’Imana.

Abo bayoboka RWASA Agathon icegera ca mbere c’umukuru w’inama nshingamateka bafatiwe mu bunywero, bagirizwa ko bariko bakora inama itemewe n’amategeko, baca bajanwa gupfungirwa mu gasho ka komine Ngozi.

Mu ndongozi za FNL ya RWASA i Ngozi bamenyesha ko ako ari agatotezo gakorerwa abayoboka RWASA. Bariyamiriza ivyo abo bapfunzwe bagirizwa, bakavuga ko bafashwe mu gihe bariko basangira ibinyobwa mu kabare.

Abo bayoboke bafashwe mu gihe n’umushingamateka RWASA Agathon aheruka kumenyesha ko ubuzima bwiwe bubangamiwe, aho wenyene yemeza ko afise amakuru ko hari umugambi wo kumwica, canke kumurementaniriza ko yatanguje umurwi w’abarwanyi, ibizotuma ibizotuma ubutungane bw’Uburundi busaba ko RWASA Agathon akurwako ubudahangarwa, kugira atabwe mu mvuto.


Kumenyekanisha

1
Mvuyekure Michel. 23-02-2017 à 10:02

Kwer Imana Isumba Ingabo.Kand Ntamvura Idahita Ivyo Abo Bagabo Bariko Bakora Bizobabera Ubusa.Bibukeko Imigambi Y’abantu Siyo Y’ Imana Maze Imigambi Barimwo Bahez Bayihebe Ahand Ho Bazosanga Bakoreye Ubusa.

2
nepomsen harimenshi 22-02-2017 à 19:59

nibaserure iciyumviro cabo hakuguma bashaka kwica mumpisho.

3
Ntiharirizwa John 22-02-2017 à 19:28

Nukuri Iyo Ntumbero Yagatotezo Bakora Izuba Ryaka Ntibibaze Ko Amakungu Atabibo Nyakubahwa Agathon Mizero Yacu Komera Kwibanga Barayamaze Ngo Barakwankikakwemera Rema Imana Izogukingira Ibyo Bikona Nanje Numuryango Wanje Turogusengera Usikame Kunganji

4
clovis 22-02-2017 à 06:35

Imana imana iruta ingabokweri iyaba muzi ko Imana iruta ingabo mwebwe nyene mwokihanuye umutama wacu mukamureka

5
NDIHOKUBWAYO 21-02-2017 à 16:50

Ni barindire ubutungane buzobatunganiriza !

6
karaveri 21-02-2017 à 15:31

yabareta yanyakubahwa nkurunziza canke abagwanyareta yankurunziza ntihagire uwicivyehe ngoyice gwasa canke ngwamupfunge

7
Niyonkuru 21-02-2017 à 15:09

Who Told You.Wheather Every Thing Will Be Clear ?

8
. 21-02-2017 à 14:59

Ahorero mutama Rwasa Agathon, mwarabonye kwariwemuntu yoroshe gutesha ibikorwa mugomba mumubashe amajambo kugira murebeko yotekera nkuko vyamugendeye muri 2010
Nimugabanye gushusha uruhigi kuko ntacomuzoshikako, kiretse uwobumviriza koyokirwakure yibaza ngomuvuga ukuri

9
Kuri 21-02-2017 à 12:51

IMANA IRUTA INGABO
One day every thinks will be clear

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha