Umukuru w’igihugu Pierre NKURUNZIZA yashize umukono kw’ ibwirizwa nshingiro rishasha kuruno wa kane igenekerezo rya 7 Ruheshi 2018 ku kirimba c’umukuru w’igihugu mu ntara ya Gitega.
Amatora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro yabaye kw’igenekerezo rya 17 Rusama 2018, umurwi CENI uca umenyesha ibiharuro mfatakibanza kw’igenekerezo rya 21 Rusama 2018.
Kw’igenekerezo rya 31 Rusama 2018, niho sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa nshingiro yemeza ivyavuye mu matora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro, ica ivuga ko ibirego vyatanzwe n’Urunani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi ko amatora yaranzwe n’utunenge, bidafise ishingiro.
Inyuma yo gushira umukono kuriryo bwirizwa nshingiro rishasha bitegekanijwe ko ibirori bica bibandaniriza muri komine Bugendana mu ntara ya Gitega aho vyitezwe ko umukuru w’igihugu aca ashikiriza ijambo abarundi yongere abashikirize iryo bwirizwa nshingiro rishasha.
IZINDI NKURU ZIJANYE N'IYI |
![]() Michel KAFANDO asaba abanyeporitike b’Uburundi gutorera hamwe ibibazo vy’igihugu
13.09.2018 |
![]() Umurwi CENI watanze icegaranyo c’ivyavuye mu matora y’ibwirizwa nshingiro imbere y’inama nshingamateka
26.06.2018 |
![]() Umuhuza w’abarundi asabwa gufasha mw’ishirwako umukono ry’ivyavuye mu biganiro i Arusha
18.06.2018 |
![]() Umugambwe CNDD-FDD urashima ivyashikirijwe n’umukuru w’igihugu
15.06.2018 |
![]() Inama Nshingamateka na Nkenguzamateka zatanguye kwisunga ibwirizwa nshingiro rishasha
12.06.2018 |
SOMA IZINDI NKURU MURI "Poritike"... |
NUKURI NKURUNZIZA PIERRE NI SEBARUNDI.NTARYO YO VUMERA NGO TWEBWE BENEGIHUGU TWANKE. AHUBWO AMAHORO UBUMWE UBUTUNGANE NI TERAMBERE RIRAMA ,TURIMWO BIBANDANYE .HAMA TWESE BENEGIHUGU TWIGUMIRE MURI PARADIZO.MURAKOZE.
Mutama Nah Ugiy Uraduhevye Ntawundi Mukuru Wigihugu Tuzoronka Ameze Neza Nkaw Atigungirako Yamana Nabene Gihugu Mubuzi Butandukanye.Ntawuhari.Abahar Nabo Nibamw Bopfukama Uburundi Munda.Arik Imana Iratubona .Imana Ibandany Ikuzigamira Umuryango.
Twebwe nkabarundi turakengurutse kubona wemeye gutanga atagahato.Ico nsaba uturonderere uyundi mugabo wijunja n’ijambo nka Wewe.
Erega Uburundi ntimusa mare kuko urwanda nUbuganda bushakako Uburundi buva muri francophone buje muri commonwealth rero Uburundi muhabere magabo kuko ivyo bihugu vyose ntivyishimira Uburundi butwarwa numuhutu vyipfuzako bwotwarwa numututsi hama umuhutu a kabura ivugiro mukarere.Nagomba mpanure abahutu nka rwasa na minani na Jeremy nabandi bibuke kandi bibabere icirwa I vyabaye murwanda ntivyagize abahutu vyagize abatutsi ubu bavyagirije inzirakarengane zabahutu. rero barundi barundikazi rwaruka rwuburundi mwirinde basesa nkuyoze
Nukuri ndanezerewe nijambo wavuze kandi ndongeye kugarura urukundo nagukunda imbere ya 2015.
Uburundi burogoroye. Imana ituzigamire abaturongoye
KUVUBU UBURUNDI BUGIYE KUBA BUSHASHA LOI NI LOI UMUGABO YIHINDUKIZA MUKIRAGO... HAMA NAHO TWOGWANA GUTE INTEBE YUMUKURU WIGIHUGU NIMWE NTIYODUKWIRA UBU UMWUMWE WES YIRONDERERE UKUBAHO AKAZI KA LETA NIGAKE NTAMESHI NVUZE
Imana Yo Mushoboravyose Niyizi Ico Yateguriye Twebwe Abarundi.Nanje Nti Niwirambire Mutama Kandi Ngo Ntaguheka Uwutisimbiza.
Mu bihugu vyose ibintu birahinduka. Ndibaza ko abarundi ari abantu bakuze bazi ikibabereye n’ikitababereye.
Kuvuga ko amasezerano ya Arusha ahambwe mbona ari gushikuza kuko ni vyiza kujana n’ibihe bihinduka ntitwame hahandi.N’igisabisho dawe sa twese hari ivyo baherutse guhinduramwo.
Kandi ntimwihende n’iryo tegeko shingiro rihagiye nivyaba ngombwa rizohinduka n’uko bimeze
hose.
Biratubaje Mugabo Kandi Ikitunezereje Niko Usize Weretse Abarundi Aho Umwansi Wiguhugu Atumbereye " Abazogusubirira Tubasabe Ntibazosamare
Nibaze yuko iryo bwirizwa nshingiro ryashizweko umukono zica rituma na ya nama ya COMESA ica igarukanwa i Bujumbura kuko Abarundi tuzohahombera vyinshi.
uyumunsi abarundi insinzi ntibazowibagira kubona uwarashizwe kuragirintama ariwe azimariye mumanga. iyitariki 7 /6 /2018 niho amasezerano y’ arusha asenyutse igisigaye ni kuyagwanira muburyo bonse bushoboka .
Andika hano Nyakubahwa Petero Nkurunziza Urumugabo Sebarundi Abo Bavugango Wari Wabazingamiyeko Ni Abadakunda Uburundi Nabarundi Nabashima Icubahirogusa Badashima Ko Uburundi Nabarundi Kobatera Imbere Imana Ibababarire Numutimawabo Mubi Imana Ikwiye Kubahindura