IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Home > Amakuru > Poritike > Sahwanya FRODEBU ivuga ko yakiriye neza ijambo ry’umukuru w’igihugu

Sahwanya FRODEBU ivuga ko yakiriye neza ijambo ry’umukuru w’igihugu

Friday 8 June 2018, by vianney

Icegera c’umukuru w’umugambwe Sahwanya FRODEBU, Leonce NGENDAKUMANA, mu kiganiro yahaye ikinyamakuru “ IGIHE ” yavuze ko ivyashikirijwe n’umukuru w’igihugu bigiye mu ngiro vyomuha icubahiro nka ba Nelson Mandela,icubahiro k’umugambwe wiwe hamwe n’icubahiro ku gihugu.

Naho kubijanye nicatumye umukuru w’igihugu ashikiriza iryo jambo muri kino gihe,Leonce NGENDAKUMANA yavuze ati: “ Kugira ashikirize ijambo nk’iryo aba yabajije umutima,aba yihweje ibiri mu gihugu aba yahanuje kandi abahanuzi biwe.”

JPEG - 56 kb
Leonce NGENDAKUMANA,Icegera c’umukuru w’umugambwe FRODEBU

Leonce NGENDAKUMANA avuga ko ijambo rigize ico rihindura mu gihugu ibintu bikamera neza ata nkeka ibihugu vyinshi vyokwipfuza kugiranira imigenderanire n’Uburundi.

Ico cegera c’umukuru w’umugambweSahwanya FRODEBU avuga ko ico bagiye gukora ari ukubandanya ibiganiro n’abamufashije, kugira ashikirize rirya jambo mu ntumbero yo gufasha ko vyoja mu ngiro ntibisubire inyuma.


Vianney BIKORIMANA

Forum posts

  • Yararivumeye Ntirizosubira Inyuma!

  • mwabonye ko ivyomwahora mwiyumvira kumukuru w’igihugu atarivyo? nimwihane musabe ikigongwe umukuru w’igihugu n’abarundi bose kuko mwahorubusa umukuru w’igihugu,abarundi n’igihugu c’uburundi.

  • Na jewe nk’umunyagihugu wo mu Kivuvu muri Bugendana nari nabivuze. Ijambo yaraye ashikirije twararyumvise twiraramiye harya hejuru y’Imana za Mugera. Muri 2020 azogende yakubuye ishano yatuzanyemwo abicishije muri rwa rwaruka ntiriwe ndavuga. Ubu turucungishije ijisho.

  • uyomutama imana ize imuhezagire uburundi na gati kateretswe n lmana nubwambere nunva leonce ashima kuva mbaho nibindi agiye kuza arabishima

  • KOMERA MUTAMA IMANA IKUZIGAME WARAKOZENEZA IZOGUHE KURANGIZA IKIRINGO CAWE NEZA OK MUZIGAMWE

  • Pierre Nkurunziza yavuze ko ikiringo ciwe kizokurikira ibwirizwa shingiro ryakera ahejeje gukura. N’ukuvuga yuko kizohera muri 2020. Ntakindi yavuze.
    Natomorore icese ko atazokwitoza muri 2020 area gufubika amajambo.
    Reka abe arabazirika mwa bigwarudubi mwe.
    Azokwitoza muri 2020 ntakibuza. Muzoraba!!!!!? Ahandi hoho abantu yatikije kuntwaro yiwe yobariha iki?

  • kubera nyenicubahiro yamy yanka akaguma nakarenganyo abo bamwanka nabakora ivyo abarundi badakunda.erga yarasomy yiz mwishur no mwishamba.harakwiy gutegugwa umusi wokwibuka ivyiza yakorey isi nacane cane uburundi nabarundi

  • Natwe Tuvyakiriye Neza Kandi Akoze Vyiza Thx!

  • Vyukuri Nyakubahwa Presida Yavuze Neza Cane Kutazosubira Kwitoza Gusarishe Benshi Utigute ? Nanje Nti Abahora Basegesha Ngo Ibwirizwa Ririko Rirahindugwa Ngwasubire Kwitoza,ubunaho Baca Basegeshiki ? Ntibabonako Ibisaka Bihiye ? Bakwiye Gutaha Hakirikare Nayahandiho Barabahinyuye Nibaze Twubake Igihugu Catwibarutse Nayo Akimuhana Kazinvurihise Nayo Kwitenga C N d D F D D Ntiharagera Mpaka Mumyaka 80 Ans Ok

  • @Jemes, yarabisobanuye kukoyaranavuzeko yiteguye kuzokwubaha nogushigikira uwuzobayatowe nabenegihugu.
    Hanyuma Leonce ndabina atanguye kubuvuga nkumugabo nkigihe ca Ndadaye, ariko icowomenya imfashanyo ibihugu bimwevyimye uburundi sikuberara nyakwubahwa umukuru wigihugu Nkurunziza ngoyoba yarakoze ibibi, kuko iyaba arugufatira ibihano abakora amabi Kagame niwebaba barabifatiye, mbegahoho wobuzi icatumye Ndadaye yicwa ariko abobafatiye ibihano uburundi ubu ntibabenunomusi barabikazemwo?

  • @Jemes, yarabisobanuye kukoyaranavuzeko yiteguye kuzokwubaha nogushigikira uwuzobayatowe nabenegihugu.
    Hanyuma Leonce ndabina atanguye kubuvuga nkumugabo nkigihe ca Ndadaye, ariko icowomenya imfashanyo ibihugu bimwevyimye uburundi sikuberara nyakwubahwa umukuru wigihugu Nkurunziza ngoyoba yarakoze ibibi, kuko iyaba arugufatira ibihano abakora amabi Kagame niwebaba barabifatiye, mbegahoho wobuzi icatumye Ndadaye yicwa ariko abobafatiye ibihano uburundi ubu ntibabenunomusi barabikazemwo?

  • Andika hano ICIYUMVIRO CANJE NDIRUDUTWARA NEZA NA PETERO NKURUNZIZA NDACAMWEMERA NTAKIBANKORERA% KIRETSA BAMUTWARIRA NABI,B.N

  • Imvugo irafobetse, ntiyigeze avuga ko atazitoza. Nariahikeko aryemange ko wewe, atazitwaza abenegihugu, ngo nibo babimusavye, uzi ko bama babeshewe.

  • Turashima Twes kw’ijambo umukuru w’igihugu cac yavuz

  • Ntimukibagire y,uko, abo, aribipinga.
    Mugabontaco, imana, irababona.

Any message or comments?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.