IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubudandaji > Abanywanyi ba REGIDESO bashobora kuriha n’ukugura bakoresheje PAYWAY (...)

Abanywanyi ba REGIDESO bashobora kuriha n’ukugura bakoresheje PAYWAY BURUNDI

mercredi 9 Myandagaro 2017, par Egide NDUWIMANA

Mw’ishirahamwe PAYWAY BURUNDI bamenyesha ko ukwo gukorana na REGIDESO mu kurihisha amafagitire hamwe n’ukudandaza amatara n’amazi bizofasha abanyagihugu mu gucungura umwanya bahora bakoresha.

Metoucela NSABIMBONA umuyobozi mukuru wa PAYWAY arasigura akamaro k’uwo mugambi mushasha : "Ntawugikora ibirometero vyinshi mu kuja kugura ama inite ya Cash power canke kugura amazi ya REGIDESO. Hariho n’abahora barindira gushika aho hagera ko babacira amatara kubera kubura umwanya w’ukuja kuriha, canke ama inite ya Cash Power akabaherana kubera vy’ukuri ata mwanya baronse. Ivyo rero bigiye kworohereza abakozi ba REGIDESO."

Mw’ishirahamwe PAYWAY BURUNDI bavuga ko abakozi ba REGIDESO batogira amakenga ko iryo shirahamwe rije kubatwara akazi. Metoucela NSABIMBONA avuga ko iryo shirahamwe rije kuremurura abo bakozi bahora bakira abanywanyi benshi ku munsi.

Muri PAYWAY BURUNDI bavuga ko umunywanyi wa REGIDESO aguze ama inite y’amatara canke arishe fagitire ahabwa urupapuro rwemeza ko arishe, nk’uko vyahora bigenda muri REGIDESO, n’ibiciro bikazoguma ari ivyahahora.

"Amahera abanywanyi ba REGIDESO bahora bariha niyo bazoguma bariha. PAYWAY BURUNDI ibaha birya nyene REGIDESO yahora ibaha, kuri kirya giciro nyene."


Egide NDUWIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.