IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Abashingamateka bo mu Mizero y’Abarundi bankiwe gutanga ikiganiro ku (...)

Abashingamateka bo mu Mizero y’Abarundi bankiwe gutanga ikiganiro ku bamenyeshamakuru

vendredi 9 Ruheshi 2017

Mw’ikete ryo gusubiza iryari ryanditswe n’umukuru w’umurwi w’abashingamateka bava mu runani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi bariko basaba uruhusha, umukuru w’igisagara ca Bujumbura amenyesha ko yanse ko batanga ico kiganiro yisunze ko Urunani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi rwashinzwe mu matora kandi amategeko adatomora ingene abagize urwo runani bakorana inyuma y’amatora.

Muri iryo kete, umukuru w’igisagara ca Bujumbura Freddy MBONIMPA asaba umukuru w’igiporisi mu gisagara ca Bujumbura hamwe na musitanteri wa komine Mukaza umwe wese gukora ico ajejwe kugira ico kiganiro ku bamenyeshamakuru ntikibe.

Twagerageje kurondera umushingamateka Pierre Celestin NDIKUMANA aserukira abashingamateka bo mu runani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi kugira agire ico ashikirije kuri iyo ngingo y’umukuru w’igisagara ca Bujumbura, ariko ntitwashoboye kumuronka.

Ikete ryanditswe n’uwurongoye umurwi w’abashingamateka bahurikiye mu murwi w’;abashingamateka bava mu Runani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi ryasaba ko batanga ikiganiro ku bamenyeshamakuru kugira bashikirize ivyo baranguye mu buruhuko bw’abashingamateka.


MUGISHA Van Naris

Messages

  • none Abhor Ik? Ntiyobarek Bakibandanrirza Imirimo?

  • DD barayifyinako kandi bayizi ububisha bwayo. Bazoba bambariranihagira ico bayikorana. Erega ibagiriza ngo ntaco bayifasha muri yamyifato irimwo ubwenge buke biyamiramwo, e mama ngo imyiyerekano yo kwiyamiriza aba na bariya, aho guhangana n’ibibazo bikomeye vy’ubukene ku barundi benshi, amahera y’agaciro atuma ata gitoro cinjira gikwiye, umuyagankuba usigaye umengo ibisagara no mumitumba bwijje hasa hose. None ayo majambo afasha iki muri izo ngorane zose atari uguhuhura imigenderanire n’amakungu yari isanzwe atako yifashe. ubujuju n’ingwara mbi nayo inkoho zo, n’agasho bishirwa imbere kuwuryogoye n’izindi ntwaro mbi zaragiye kandi zari zibifise. Biramaramaje..

  • Heba mwikure ubureta kumaso yemwe mubone aho igihe kigeze!!!None abobagabo iyobaserutse mu nama nshingamateka ntibitwa AMIZERO?kuki batobareka ngo bashikirize ivyo baranguye nk’abava mu MIZERO nyene?turazi neza ko parlement igizwe n’imigwi2:CNDD-FDD be n’AMIZERO Y’ABARUNDI kandi buri mugwi urashika kukivi, ewe CNDD-FDD reka gukora icatumye uja mwishamba witwaza démocratie kuko ingoma zose z’isi zama zigenda zikuranwe biguma vyoroha iherezo ni rimwe!

  • Mupira uvuze ukuri nk’ukurima. DD imyirekano yamamwo ntaho itaniye n’imigumuko naho NDUWIMANA yagirije abatari bo ngo baragumutse.Jew mbona abagira imigumuko ari aba DD batuka n’abatabumviriza atanaho bazohwanira kuko n’ubutunzi bw’ibihugu vyabo bwisoneye. Ubu bukene nabitwa ngo barafise akazi bafise kubera dévaluation yisubiriza umengo ntaco bubariye DD. Umwami Peter yategerezwa gutora umuti akihagarira aho muri discours àla nation ngo abarundi nibamenyere gutubika uwavubi. Ako s’akamaramaza. Tugeze habi kandi niyo tuja ni habi kuruta ndabarahiye. Abarundi bomenya ko ata mukunzi kumukunzi w’i,nda.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.