IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubudandaji > Abatwara imodoka zunguruza abantu basaba umuco ku mafaranga 5000 (...)

Abatwara imodoka zunguruza abantu basaba umuco ku mafaranga 5000 barihishwa

mardi 16 Rusama 2017

Kuva hasohotse ingingo y’uko abunguruza abantu baronkera igitoro ku bituro vyabo bonyene, abatwara imodoka zunguruza abantu n’ibintu bamenyesha ko basabwa amafaranga ibihumbi bitanu ishirahamwe ATRABU ririhisha imodoka yose kugira baronswe igitoro.

Mw‘ishirahamwe ry’abunguruza abantu n’ibintu ATRABU bamenyesha ko ayo mafaranga bayarihisha kugira bashobore gukora ibiranga abatwara imodoka zunguruza abantu, kugira babuze ko haba akajagari.

Ibituro bitanu nivyo vyategekanijwe ko bitanga igitoro ku modoka zunguruza abantu n’ibintu. Izo nazo akaba ari service Interpetrol iri muri quartier asiatique, Delta yo mu Kanyosha, Engen yo mu Kinama, Delta Musaga hamwe na Top 7.

Haraheze ikiringo cababa ukwezi kuronka igitoro mu gisagara ca Bujumbura no mu ntara zo hagati mu gihugu ari ikibazo kitoroshe. Ingaruka ziramaze kwibonekeza kuko abiyunguruza bamenyesha ko bashobora kumara isaha batararonka imodoka ibunguruza bigatuma abaja ku mirimo bashika bacerewe.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.