IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > "Abavyeyi banje bashaka ko mba umuganga"

"Abavyeyi banje bashaka ko mba umuganga"

mardi 5 Nyakanga 2017, par Jean de Dieu M.

Ritha Marie Ange KUNDUSENGE amaze gushikana imyaka itandatu yatanguye kunigana n’impano iri muriwe hamwe n’intambara y’abavyeyi biwe batamutahura. Nguwo atanguye gucapa imideri yinyegeje mu cumba.

"Ndibuka ko nakunda kugaya ingene abashitsi baje muhira baba bambaye. Muri jewe nabona nari kubatorera ukundi bambara".

Ritha avuga kandi ko abavyeyi biwe batashimishwa n’uko yoja mu mideri narirya uwo mwuga utarabwa ryiza n’imico ndundi, bobo bashaka ko akwirikirana ivy’ubuganga. Ritha ati : "Ijambo Michelle Obama yavuze ryampaye inguvu zo gukurikira impano zanje. Michelle Obama ati : Iyizere wewe nyene, ntuze wigere usamazwa n’abandi ngo baguteshe intumbero yawe".

Ritha amaze gushikana imyaka icumi n’ine, avuga ko naho yibuka ijambo umuvyeyi wiwe yashikirije igihe bariko bahimbaza isabukuru y’amavuka yiwe, aho yamubwira ati : "Baho wongere uboneke".

Uwo mwigeme avuga ko kuva ubwo yabonye ko ata yindi nzira y’ubuzima yofata atari guhesha iteka ibikorerwa mu Burundi. Mu gukora imideri, Ritha yahisemwo gukoresha igitenge gikorerwa muri cotebu.

Uno munsi Ritha afise imyaka icumi n’itanu, amaze kwugurura inzu ateguriramwo akongera akadandarizamwo imideri yise "Mary Angel Fashion House".

Mbega igiteramo ca Ritha giteguye gute?

Tubibutse ko Ritha yabateguriye igiteramo c’agakura c’imideri kuri uwo wa mungu igenerekerezo rya 10 Nyakanga kuri Zion Beach. Ibirori bizotangura igihe c’isaha icumi z’umugoroba, kwinjira n’amafaranga ibihumbi mirongo ine harimwo n’ico gufungura. Aho ni mu bibanza vy’iteka (40.000) hamwe n’ibihumbi icumi na bitanu (15.000), abana bari munsi y’imyaka icumi bazotanga ibihumbi icumi (10.000). Izo tike ziriko ziragurishwa muri Hotel Dorado, Ritha asanzwe akoreramwo.


Cherif NKESHIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.