IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Abitavye ibiganiro i Arusha nta masezerano bashitseko

Abitavye ibiganiro i Arusha nta masezerano bashitseko

vendredi 8 Kigarama 2017, par Egide NDUWIMANA

Nta masezerano yabonetse hagati y’abari mu biganiro, kuko abo baganira batashoboye gutera umukono kuvyo bemeranije, nk’uko vyari bitegekanijwe. Umufasha w’Umuhuza Benjamin MKAPA yabwiye abitavye ibiganiro ko ayo masezerano adashoboka kubera hari vyinshi impande zose zari mu biganiro zitahurijeko, kandi ari ivyoja muri ayo masezerano.

Umufasha w’umuhuza yamenyesheje abari muri ivyo biganiro ko ivyo batahurijeko azobishikiriza umuhuza Yoweri KAGUTA Museveni, umukuru w’igihugu ca Uganda, yongere abishikirize abakuru b’ibihugu vya Afrika y’ubuseruko, mu nama yabo yimirije.

Nk’uko biri mw’itangazo ryasohowe n’umufasha w’umuhuza, muvyo abari mu biganiro batahurijeko harimwo irekurwa ry’abapfungiwe poritike, gukura imitahe ku banyeporitike baronderwa n’ubutungane bw’Uburundi, ukutumvikana kw’ihinyanyurwa ry’ibwirizwa shingiro, umutekano w’abanyeporitike bohunguka bavuye hanze y’Uburundi, hamwe n’ibindi.

Ibiganiro bihuza Abarundi bisozerewe kuri uwu wa gatanu ataco abavyitavye bashitseko, mu ndwi zibiri bari bamaze mu gisagara ca Arusha, igisagara gisanzwe arico cabereyemwo ibiganiro nk’ivyo nyene vyahagaritse intambara yari mu Burundi.


Egide NDUWIMANA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.