IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubudandaji > Abitavye ihayanishwa gurishwa’’Made in Burundi’’ basaba ko irikurikira ryobera (...)

Abitavye ihayanishwa gurishwa’’Made in Burundi’’ basaba ko irikurikira ryobera mu kindi kibanza

mercredi 5 Mukakaro 2017

Abitavye ihayanishwa gurisha bavuga ko kuva ritanguye bashima uko umutekano ucungerewe ariko ko abantu baza ari bake,ibidandazwa navyo bitagurwa nk’uko bari bavyiteze.

Desire NDUWIMANA yazanye ibihingurwa na koperative ifashwe mu mugongo n’ishirahamwe ADISCO avuga ko ahariko habera ihayanishwa gurishwa hatagenderwa n’abantu benshi.

JPEG - 59.1 ko
Desire NDUWIMANA,yitavye ihayanishwa

Avuga ko ku ruhande rwiwe yibaza ko imvo ibituma aruko,ikibanza kiri kure y’ahakorerwa ubuzi mu bisata bitandukanye,kuko abakorera muri ivyo bisata aribo bategerezwa gushika muri ico kibanza kugura ivyahinguwe n’abarundi.

Abitavye ihayanishwa gurishwa ryitiriwe ‘’Made in Burundi’’ basaba ko irindi ryotunganywa rybera mu kindi kibanza, na cane cane icegereye ahakorerwa imirimo itandukanye, kugira barnke abaza kubagurira.

Ihayanishwa gurishwa ‘’Made in Burundi’’ ryatanguye kw’igenekerezo rya 30 Ruheshi 2017, rizorangira kw’igenekerezo rya 9 Mukakaro 2017.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.