Accueil > Amakuru > Poritike > Adolphe BANYIKWA ntakiri umunyamabanga mukuru wa FNL irongowe na Agathon (...)
 Adolphe BANYIKWA ntakiri umunyamabanga mukuru wa FNL irongowe na Agathon RWASA
 Adolphe BANYIKWA ntakiri umunyamabanga mukuru wa FNL irongowe na Agathon RWASA
				
				mardi 31 Nzero 2017
Umunyabanga mukuru w’umugambwe FNL urongowe na Agathon RWASA yarahagaritswe muri ayo mabanga. Adolphe BANYIKWA asanzwe ari umushingamateka avuga ko yatanze imihoho ku mvo zitandukanye.
Aime MAGERA avugira umugambwe FNL urongowe na RWASA Agathon amenyesha ko icatumye Adolphe BANYIKWA ahagarikwa mu nzego z’umugambwe,ari uko vyibonekeje ko akorana n’inzego z’umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD.
Kubwa Aime MAGERA,mu mugambwe FNL urongowe na RWASA Agathon barafise amakuru yemeza ko yakoranye amanama atari make n’abari mu mugambwe CNDD-FDD mu ntumbero yo guhungabanya inzego z’umugambwe.
Aime MAGERA avuga ko bamaze kuvyumva bagerageje no guhamagara Adolphe BANYIKWA yahora ari umunyamabanga mukuru mu mugambwe FNL urongowe na RWASA Agathon kugira yisigure,agire nico abivuzeko hanyuma asabe ikigongwe ariko aravyanka.
Umuvugizi w’umugambwe FNL urongowe na Agathon RWASA amenyesha ko Adolphe BANYIKWA yagiranye amanama n’indongozi z’umugambwe CNDD-FDD mu ntumbero yo kuburabuza ibikorwa vy’umugambwe no gutoteza abanywanyi ba FNL.
Kubwo umushingamateka Adolphe BANYIKWA ,arahakana ko atakuwe mu mugambwe ,avuga ko wewe yatanze imihoho.
IGIHE

Messages
31 Nzero 2017, 11:42, par Kuri
NTAKUNDI YARI KUVUGA KUKO YURIYE IGITI KITURIGWA .NZANYWE NUKO AVUZE UKWO NGO YIKUREYO. YIDHIKANE HAKIRIKARE
31 Nzero 2017, 15:02, par ngenzirabona
nonegayemwe birahererahe?
31 Nzero 2017, 19:08, par Warumonge
Aime Magera Bena Agathon Gwasa Bazopfabururibiti Amijero Parpe Hutu Mwarahevye Yooo!Murinterakigogwe Ngomuri CDD FDD Tukuryantitwugaraturyatwuguruye Kanditwentitwinubana
1er Ruhuhuma 2017, 01:36, par Nowera Nimbona
Uwo yari kimena banga! natembe agende ntamuntu yarimwo.
1er Ruhuhuma 2017, 08:39, par MAHORO
HARUMUGANI WIKIRUNDI BACIYE NGO: UWUFISE IBIJUMBU AGUTWARA IMBWA. UWONUMUSEGA
1er Ruhuhuma 2017, 10:28, par Cizajean
NIYAMBARE UMUTAMANA WA CNDD-FDD BIGARAGARE. IKINYOMA KIMARA UMUSI NTIKIMARA UMWAKA KANDI IMISI Y’IGISUMA IRAHARUYE
1er Ruhuhuma 2017, 20:06, par rwasa
Nibaturekere umuhungu wacu. Uwo Magara azi kuvugira kw’isunzu ryinzu ari i burayi. Intambara yayirwaniye he ko azi kwitamwo nk’agatuku? Rwasa ntakwiye kuza arahendwa yikura abo basangiye urugamba.
4 Ruhuhuma 2017, 14:19, par 14126
YOO NATESHWE ATE NTANISONI UMUNTUBAMUFATANYIKINYOMA ACAYIKUZAYO NGOYATANZE IMIHORA MWEN,ABO BITWA ABATASI NAGENDE MUMUGAMBWE TURIKWIJE
21 Ruhuhuma 2017, 08:55, par yaya
iyo nimvugo yaporitike turabimenyereye ni mucezo wandani reka kuza wumviriza ibihuha mutama rwaza bazohava baguteranya na banywanyi bawe naho umugambwe wa cndd fdd ntaco mufa ni wihe amahoro
21 Ruhuhuma 2017, 08:55, par yaya
iyo nimvugo yaporitike turabimenyereye ni mucezo wandani reka kuza wumviriza ibihuha mutama rwaza bazohava baguteranya na banywanyi bawe naho umugambwe wa cndd fdd ntaco mufa ni wihe amahoro