IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Angola :Abatavugarumwe na Reta basaba ko ivyavuye mu matora biharurwa (...)

Angola :Abatavugarumwe na Reta basaba ko ivyavuye mu matora biharurwa gushasha

lundi 4 Nyakanga 2017

Umukuru w’umugambwe Unita usanzwe utavuga rumwe na Reta ya Angola ,Isaias Samakuya yamenyesheje mw’itangazo ryatewe umukono n’iyindi migambwe itatu itavugarumwe na Reta ariyo CASA-CE,Abel Chivukuvu,PRS na FNLA ko igikorwa co gushikiriza ibiharuro vya nyuma y’ivyavuye mu matora ko bitakwirikijwe uko mategeko abisaba.

Iyo migambwe itavugarumwe na Reta imenyeshako iruhande y’utunenge twibonekeje mu guharura amajwi ko hariho amasandugu y’amatora yazimiye hamwe n’izindi sandugu z’amatora zazanywe zitazwi iyo zivuye ,amakarata y’amatora yaburiwe irengero hamwe n’abantu batazwi bibonekeje mu gikorwa co guharura amajwi biciye kubiri n’amategeko, bigaragara ko igikorwa c’amatora ko cakozwe biciye kubiri n’ibwirizwa shingiro hamwe n’amategeko agenga amatora.

Urwo runni rutavuga rumwe na Reta rusaba igikorwa co guharura amajwi ko cosubirwamwo na cane cane mu ntara zo hagati mu gihugu bihagarikiwe n’amashirahamwe ataharanira inyungu za poritike birikumwe n’abaserukira amashengero.

Bimenyeshako ivyo iyo migambwe isaba niyo bitumvirwa ko abo batavuga rumwe na Reta bazoca bfata izindi nzira zemewe z’amategeko mu guharanira ivyo basaba.

Umugwi w’igihugu ujejwe gutegura amatora wamenyesheje inyuma y’imisi ibiri amatora aheze ko umugambwe MPLRA(Le Mouvement populaire pour la libération de l’Angola ) watahukanye intsinzi ku majwi 61,1 kw’ijana hamwe n’ivyicaro 150 mu nama nshingamateka kuvy’icaro 220 bisanzwe bitegekanijwe ,umugambwe Unitanawo uronka amajwi 26 kw’ijana hamwe n’amajwi 9 kw’ijana vy’umugambwe Casa-Ce.

Mwomenya ko bitegekanywa ko intsizni y’umugambwe MPLRA izotuma uwahoze ari umushikiranganji wo kwivuna abansi Joao Lourenco aca aba samuragwa wa Jose Eduardo Santos w’imyaka 75 yahisemwo kuja mu zabukuru inyuma y’imyaka 38 atwara ico gihugu.


Vianney BIKORIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.