IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Arusha : Ibiganiro bibandaniriza mu mirwi itanu yashizweho

Arusha : Ibiganiro bibandaniriza mu mirwi itanu yashizweho

jeudi 30 Munyonyo 2017, par Egide NDUWIMANA

Nk’uko vyasabwe n’umuhuza, ibiganiro biriko bibera mu mirwi. Imirwi yashizweho ni itanu igizwe n’abegeranye mu vyiyumviro vya poritike. Umurwi wa mbere ugizwe na Reta y’Uburundi hamwe n’imigambwe iyishigikiye, umurwi wa kabiri ugizwe n’imigambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi badashigikiye ihindurwa ry’ibwirizwa shingiro, umurwi wa gatatu ugizwe n’abo mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike bashigikiye ubutegetsi, umurwi ugira kane ugizwe n’abo mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike adashigikiye ihindurwa ry’ibwirizwa shingiro. Abo bari kumwe n’umurwi w’abakenyezi, hamwe n’abaserukira urwaruka. Umurwi wa gatatu ariwo wa nyuma ugizwe n’abahize ari abakuru b’ibihugu, naho batarakwira. Sylvestre NTIBANTUNGANYA hamwe na Domisiyano NDAYIZEYE nibo bari i Arusha. Major Petero BUYOYA yitezwe muri ivyo biganiro umwanya uwariwo wose.

JPEG - 281 ko
Ngurdoto Mountain Lodge, ihoteri y’i Arusha, ahariko habera ibiganiro bihuza Abarundi

Abari muri iyo mirwi babandanya kwegeranya ivyiyumviro, ku bibazo umunani bategerezwa kwigwa. Umurwi wose urimwo uwuserukira umuhuza, akaba ariwe aza aratumbere ibivugirwa mu mirwi. Bitegekanijwe ko ku munsi wa gatanu ariho inama ya bose izokorana, imirwi yose ishikirize ivyo imaze gushikako. Umurwi wose niho uzoshikiriza ivyo usaba muri ivyo biganiro. Aho ni mu gihe Reta ibandanya kuvuga ko itemera ko ivyo biganiro ari ivyo gusabikanya ubutegetsi.

Abatavuga rumwe n’ubutegetsi babandanya gusaba ko imitahe y’uguhagarika bamwe mu barundi bahunze yokurwaho, abashigikiye Reta nabo bakaba badahengeshanya gusaba ahubwo ko ubutungane bwokora, abo barungikiwe imitahe bahagarikwe barungikirwe ubutungane bw’Uburundi.

N’ikibazo c’ihindurwa ry’ibwirizwa shingiro imirwi yose ntigihurizako. Abatavuga rumwe n’ubutegetsi basaba ko ico gikorwa cohagarara, amasezerano y’i Arusha akubahirizwa. Abashigikiye Reta nabo basaba ko ico gikorwa cobandanya ukuri kwamye, kuko ku bwabo, uguhindura ibwirizwa shingiro vyasabwe n’abanyagihugu.

Tubamenyeshe ko mu baserukira amadini batumiwe i Arusha, Ekereziya Gaturika itaserukiwe. Ku butumire bwasohowe n’umuhuza, Ekereziya Gaturika yari guserukirwa na Musenyeri Evariste NGOYAGOYE, umwungere wa Diyoseze nkuru ya Bujumbura, ariko akaba atitavye ubwo butumire. Amakuru dukura mu begereye Ekereziya Gaturika mu Burundi avuga ko imvo y’ukutitaba ivyo biganiro yatewe n’uko ubutumire bwashitse butevye. Mu mwanya wari usigaye, inama nkuru y’Abepisikopi ntiyashobora kuronka umwanya w’ugukorana kugira ifate intumbero y’ijambo Musenyeri NGOYAGOYE yotwaye mu biganiro i Arusha, nk’uko ayo makuru avyemeza.


Egide NDUWIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.