IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Bamwe mu banyeporitike basaba ko ibizohinyanyurwa mw’ibwirizwa shingiro (...)

Bamwe mu banyeporitike basaba ko ibizohinyanyurwa mw’ibwirizwa shingiro vyoja ahabona

lundi 11 décembre 2017

Umukuru w’umugambwe SAHWANYA FRODEBU Iragi rya NDADAYE ,Keffa NIBIZI amenyesha ko bashigikiye ico gikorwa kuko ibijanye no guhinyanyura ibwirizwa shingiro basanzwe babizi kuva umukuru w’igihugu ashizeho umugwi ubijejwe.

JPEG - 6.3 ko
Keffa NIBIZI,Umukuru w’umugambwe FRODEBU Nyakuri Iragi rya NDADAYE

Keffa NIBIZI yagize ati : “ Turazi ico gikorwa kandi n’umugwi ubijejwe turawuzi kuva umukuru w’igihugu awemeje, kuko abifitiye uburenganzira bwo kuwushiraho ata muntu numwe abanje kubaza haba imigambwe canke abandi.”

Ku vyerekeye amakenga y’ ibizohinduka muri iryo bwirizwa shingiro bitarashirwa ahabona,Keffa NIBIZI yavuze ati : “ Turafise icizere ko muri iryo sekeza ryo gusigurira abanyagihugu, bazoshira ahabona urwandiko rw’ibizohinyanyurwa.”

’’Guhindura ibwirizwa Nshingiro sico cihutirwa’’-Leonce NGENDAKUMANA

Icegera c’umukuru w’umugambwe SAHWANYA FRODEBU Leonce NGENDAKUMANA wewe avuga ko ata gikorwa co gusigurira abanyagihugu ibijanye n’ibizohinyanyurwa mw’ibwirizwa shingiro cotunganwa, kuko ata muntu aramenya ibizohinduka kuko bikiri mu kinyegero.

Leonce NGENDAKUMANA avuga ko ku bwabo batazokwemera ico gikorwa kuko hasanzwe hariko haba ibiganiro bihuza abantu bose bafise uruhara muri poritike, vyumvikana ko ico gikorwa kitoza mu vya mbere muri iki gihe.

Ico cegera c’umukuru w’umugambwe asigura ko aho baheruka i Arusha basavye ibishakwa guhinyanyurwa bishirwe imbere y’umufasha w’umuhuza Benjamin William Mkapa kugira biganirweko, ariko ntivyakozwe.

JPEG - 56 ko
Leonce NGENDAKUMANA, i=Icegera c’umukuru w’umugambwe FRODEBU

Leonce NGENDAKUMANA asigura ko ivyihutirwa muri iki gihe atari ivyo guhinyanyura ibwirizwa shingiro, ariko ko hohagarikwa ibikorwa bijanye no guhohotera abantu,abafungiwe ivya poritike bakarekurwa.

Leonce NGENDAKUMANA yavuze ati : “ Ivyihutirwa muri kino gihe ni uguhagarika ibijanye no gutotera abantu,abapfungiwe ivya poritike bagapfungurwa ,abanyegeye bashobore kunyeguruka n’imigwi ifise ibigwanisho ikavyakwa.”

Ibindi Leonce NGENDAKUMANA avuga ko vyokwihutirwa gukorwa n’ibijanye no gutorera inyishu ubukene buri mu gihugu,ibura ry’akazi (ubushomeri),gukora kugira amashure ata gikora ashobore gukora.

Icegera c’umukuru w’umugambwe FRODEBU avuga ko ivyoza bikwirikira inyuma y’ivyo ari ibijanye no gutegura uko ugushikira ubutegetsi vyogenda ,gutwara uko bishikwako ,uko amatora yotegurwa hamwe no gushiraho umwuka mwiza wa poritike.


Vianney BIKORIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.