Accueil > Amakuru > ikiza > Bubanza: Imvura ivanze n’urubura yahitanye amazu n’imirima
 Bubanza: Imvura ivanze n’urubura yahitanye amazu n’imirima
 Bubanza: Imvura ivanze n’urubura yahitanye amazu n’imirima
				
				jeudi 16 Ntwarante 2017
Inyuma y’imvura ivanze n’igihugusi n’urubura yaguye mu ntara ya Bubanza ikonona amazu n’imirima, musitanteri wa Komine Bubanza asaba abagira neza gufasha abanyagihugu bo mu miryango yasinzikaye.
Imvura ivanze n’umuyaga n’urubura yaguye muri komine Bubanza , intara ya Bubanza yatumye inzu zo kubamwo, amashure , amashengero hamwe n’amahegitari atari make y’imirima vyononekara.
Amakuru ava mu batwara komine ya Bubanza amenyesha ko inzu 97, amashengero 7, amashuri atatu hamwe n’amahegitari 54 y’imirima arivyo vyononekaye kubera iyo mvura.
Ayo makuru nyene amenyesha ko zone Mitakataka ariyo yasinzikaye cane, abarongozi mu ntwara bakaba bafise ubwoba ko mu gihe hari hasanzwe inzara ivuye kw’ihindagurika ry’ibihe, ibintu bishobora kwunyuka.
IGIHE

Messages
30 Ntwarante 2017, 19:39, par Minani Gerard
Nukuri Uwofasha Yofasha Nkuko Nyakubahwa Musitanteri Yabivuze.Burya Bica Biboneka Ko Abatware Bacu Bitayeho Abo Bajejwe.