IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ikiza > Gitega : Ubuyobozi bw’amagara y’ibitungwa bwemeje indwara y’akaranda (...)

Gitega : Ubuyobozi bw’amagara y’ibitungwa bwemeje indwara y’akaranda k’impene

vendredi 12 janvier 2018

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kur’uyu wa gatanu igenekerezo rya 12 Nzero 2018, Muganga Deogratias NSANGANIYUMWAMI avuga ko izo mpene ziriko zirapfa zari zatanzwe mu mugambi LEVEMPII w’Ibanki y’isi,zimwe zigurirwa mu gihugu hagati izindi zigurirwa mu bindi bihugu nk’Ubuganda.

Muganga Deogratias NSANGANIYUMWAMI avuga ko mu mpene zatanzwe harimwo izaciye zitangura kwerekana ibimenyetso ko zirwaye, mbere zihava zitangura gupfa, naho nyene abaganga b’ibitungwa bari bagerageje kuziha imiti itandukanye harimwo n’iyatanzwe n’umugambi wazitanze.

Muganga Deogratias NSANGANIYUMWAMI amenyesha ko gushika kw’igenekerezo rya 28 Kigarama 2017, ivyegeranyo bari bafise vyerekana ko mu mpene zatanzwe, izishika 3044 zari zimaze gupfa.

Umuyobozi w’amagara y’ibitungwa mu bushikiranganji bw’uburimyi n’ubworozi ahamagarira abanyagihugu kugaburirira impene mu mpongore, gutandukanya ibitungwa bimaze kurwara n’ibikomeye, kubandanya bagenzura ibimenyetso vy’indwara, guhagarika vy’infatakibanza amasoko adandaza ibitungwa bito bito, no guhagarika ko ibitungwa bitembera hagati y’intara za Gitega , Kirundo na Mwaro.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.